Wahawe ububasha bwo kugera ah’Imana igushaka. 29.03.2014

 

                                                                                  Ubutumwa 29.03.2014

Wahawe ububasha bwo kugera ah’Imana igushaka.

Umwami wacu Yesu Kristo arashaka ko tumenya kandi tukagendera ububasha Imana yaduhaye. Dushobora guhura na vyinshi mu buzima vyotubera intambamyi, ariko menya ko ni wagendera mu nzira y’ukuri Imana yaduhaye, hari umuntu umwe afise ijambo rya nyuma ku bugingo bwawe, ni Yesu Kristo. Abanyefeso 1: 15-23. Paulo yasengeye abanyefeso kugirango Imana ibahe umutima w’ubwenge no guhishurigwa mu kuyimenya. Kuko kenshi abantu baragira ukwizera ndetse bagakunda n’abera ariko ntibamenye itunga rihebuje Imana yaduhaye muri Kristo Yesu, kandi ntibagire amaso y’umutimayo muburyo bwo muri Mpwemu yihweza, kugirango tumenye ivyo twizigizwa no guhamagara kwayo.

Kolos. 1:9-10 Dukwiye kumenya ivy’Imana igomba n’ubwenge bwose no kumenya ivy’i mpwemu, kugirango tugende nkuko bibereye abera. Kuko benshi ivy’impwemu batabitahura neza, nico gituma usanga baca bishiriraho ukugororoka kwabo ubwabo, ntibagende uko bibereye Umwami wacu Yesu Kristo. Mariko 16:15-18, haritunga rihebuje Imana yacu yaduhaye bungana n’ububasha bwa Mpwemu Yera yakoresheje mukuzura umwana Umwana wayo. Menya ko wahawe ububasha mu kanwa kawe aho yavugango muzosenda abadayimoni mw’iziba ryanje, mubiganza vyawe harimwo ububasha, Iti muzorambika ibiganza ku bagwayi bakire, mu birenge vyawe iti muzokandagira inzoka na za sikorupiyo, n’ibindi vyinshi.  Mwene Data ntiwikengere, kuko ushobora guhindura vyinshi cane ndetse nibigukikuje vyose. Ariko kubera kwikengera ndetse no kutamenya kwabantu bigatuma ibibazo aribibazo, ibitero aribitero kuribo no mungo zabo ndetse n’ahandi.Kuko batamenya gukoresha ububasha bahawe, n’ubushobozi bw’izina rya Yesu Kristo bamenye. Iyo dufise umutima w’ubwenge bituma dukora ivy’Imana igomba, bigahimbara ndetse umutima wayo, igaheza ikabana natwe. Ntituba tukigenda uko dushaka, ariko turongogwa na Mpwemu Yera, tugashikira ic’Imana yaduteguriye cose.  Kuko Imbaraga zazuye Yesu Kristo arizo Imana yaduhaye ngo zidukoreremwo.

Abacam.6: 12-17 Gidiyoni, Imana yaramuhamagaye ariko we arikengera, we yibona inyuma yabandi mumiryango yabo, ariko Imana yo yamwise umuhizi w’inkomezi, kandi naho yikengereye kuko yumviye ndetse akanasiguza n’Imana ntagende nkutagira ubwenge vyatumye Imana ibana nawe arashikira integuro y’ic’Imana yamugeneye. Mwene data ntuhushe ibitangaza vyawe, amahoro yawe ndetse n’umunezero wawe kubwo kutamenya kwawe, Ukureho impwemu y’ubwoba. Koresha impano Imana yaguhaye mw’Izina rya Yesu Kristo ririmwo vyose, Usabe umutima w’ubwenge no gutahura wizeye neza uwaguhamagaye kandi yagutoranije kuko ntiyakwihenzeko. Nawe azogushikiriza ic’umutima wawe ugomba ndetse nic’utigeze kwiyumvira, arinteguro y’Imana kuri wewe. Amen.

 

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s