Dusenge ubudasiba. 22.03.2014

Dusenge ubudasiba.

Ijambo ry,IMANA muri Luka 21,36 riratubwira ngo twame tugavye,dusenge ibihe vyose…GUSENGA ni kimwe mubigwanisho  bikomeye umu kristu uwariwe wese agomba kugira.Ugusenga nukuvugana n,IMANA .nukuyibwira ivyo dukeneye kandi mumasengesho niho natwe itugenderera ikatubwira ico itugombako.
Ugusenga ntabwo ari ingabire yabanyamasengesho gusa,ariko umu kristo uwariwe wese,agwana nivyubu buzima yifuza guzobona IMANA,ashoborezwa mu gusenga.UGUSENGA ninicagezwe  kiva ku MANA .Iratubwira ngo saba muzoronka ngo mpamagara ndabita…
Muri LUKA 9,28-33 hatubwira ingene umwami wacu YESUS  nawe yaduga igihe cose gusenga.Ariko arasenga ishusho yo mumaso yiwe yahindutse ukundi.Abagabo babiri MOSE na ELIYA bavugana nawe ivyo kuzotambura kwiwe.Mumasengesho niho turonkera message ivuye ku MANA kandi niho  natwe duhindurigwa,tukambikwa inkomezi.
Muri marc 9,14-29 hatwigisha naho ko hari ubumuga arizo ngwara zikugwaho no kwizera gufatanije no gusenga no kwisonzesha.Ukwizera konyene kutagira gusenga no kwisonzesha kuba kumeze nkukwizera kutagira ibikogwa kandi nako kuba guphuye.
Muri LUKA 18 ,1-8 naho ijambo ry,IMANA ritwigisha urukundo gw,IMANA yacu.Yuzuye imbabazi no kugira neza,ko idashobora kwirengagiza amasengesho yabayambaza kumurango no mwijoro,ko naho vyoteba ,tugume mukuyizera gusa.Isaha igeze irakora.Imana yacu irashaka ko tugira ukwizera kujana no kugororoka kandi mu buryo bwubwenge ariko kumenya neza ico IMANA itwifuzako nubwishi buhebuje bw,ububasha bwayo irokoza abayizeye.AMEN
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s