Kugira umutima uhimbara Imana.15.03.2014

Kugira umutima uhimbara Imana. Ubutumwa bwa 15.03.2014

Imana yarakunze abantu bayo urukundo rwagahebuza, ibarutisha amahanga yose yo mw’isi. Ikibiruta iduha umwana wayo w’ikinege Yesu Kristo ngo tumwizere. Kand’umwizeye wese aramubohora, akamukiza ivyaha vyiwe, ubugwayi ndetse ningeso zose zitari nziza zavuye kumwani w’iy’isi. Ndetse akamugira uw’igiciro imbere yiwe. Esiteri 4: 1-4, Esiteri 8: 16-17  Mugihe c’umwami Ahasuwerusi, Abayuda bw’ubwoko buke busabagiye mu gihugucane ndetse bunakengeretse. Hamani asaba umwami kubwo bwoko bwicwa bukavanwaho kuko bari bafise igitabo cabo bakurikiza kibaha amategeko yabo, ay’umwami w’igihugu ntibayiteho nkayico gitabo. Umugabo yitwa Moridekayo avyumvise abimenyesha abayuda bose, kandi yakunda ubwoko bwabo caane, baca bashinga ngo mugihugu cose bisonzeshe bambaye amagunira ndetse bisize n’iminyota, barira batakira Imana. Kuko bahimbara Imana mukugendera muvyagezwe vyayo, kandi Moridikayo yashimwa n’abiwabo bose uko bangana, kandi yaronderera abiwabo amahoro nivyiza, Imana irabishura ku masengesho yabo, icagezwe co guhonya Abayuda gihindukirira abatubaha Imana. Moridikayo nawe Imana iramuduza kuko umutima wiwe wahimbara Imana aho yahora arumuzamu kw’irembo ry,umwami Imugira Ministre wa mbere mugihugu ciwe.. Ndetse n’abantu bose barabatinya bahitamwo gufata idini ryabo kubwo kubatinya no gutinya Imana yabo. Yobu 1: 6-22. Yobu yar’umugororotsi w’Imana isumba vyose kandi Imana yaramunezereregwa cane, Ariko Satani amusaba Imana igihe yadugana n’abantu b’Imana bagiye gukoranira imbere YAYO. Kuw’Imana yarizi neza umutima wa Yobu, irabwira Satani iti ngenda utware ivyiwe vyose kuko biri mukuboko kwawe ariko umusigire ubugingo. Satani irabikora imutwara vyose, ariko Yobu ntiyigeze atuka Imana canke ngo ayirogoteko, ahubwo yarasenze ashima Imana ati naje nambaye ubusa none nzosubira munda y’isi ata co nambaye. Yobu ivyo yaratunze yar’imihezagiri yavuye ku Mana kuko yayubaha cane kandi akayigororokera, ntiyayikundishwa nuko atunze. Nico gituma Imana yamutanze kandi satani imaze kumutwara vyose ndetse n’umubiri wiwe yawononye bikomeye. Ubugingo bwiwe buhimbaza Imana, Imana nayo ica imushumbusha umugisha  urenze nkivyo yarafise ndetse n’abana imuha beza gusumba abubwambere.Isi nibiri muriyo biri k’umwami w’isi, ariko reka ubugingo bwacu tububitse Imana, imitima yacu iyinezereregwe, iraheza ikaduhera vyose ubuntu kandi ikatuzigama. Ivyak.n’Intumwa 18: 5-11, Paulo, yagenda ashingira intahe Umwami wacu Yesu Kristo Imana imaze kumuhindura, umutima wiwe wahimbara Imana, Yesu Kristo akaza akamubwira ati ntutinye kuko ndikumwe nawe. Luka 10: 17-24 Intumwa zabwiye Yesu Kristo ivyakoretse mw’izina ryiwe, ariko nawe arababwira atahubwo munezegwe yukw’amazina yanyu yanditse mugitabo c’ubugingo. Ariko abaha ububash bwo guhonyora inzoka na za sikorupiyo. Mwene Data reka Imana iguhindure umutima wawe uhimbare Imana. Nayo ica ibana nawe muvy’ushobora gucamwo vyose niyo iza ikakugwanirira bose babiraba. Igahindura amategeko kandi ikabana nawe. Vyose bigahinduka mu buzima bwawe kuko ikiganza ciza cayo kizoba kikuriko. Kura amaso kuvy’ubonesha amaso yawe, ureke na za analyse na za logique nuko usanzwe wibaza ngurabizi, kuko ivyo binyuranye nivy’Imana igushakako n’uko ikuzi. Reka Mpwemu Yera akwinjiremwo akwigishe ivy’Imana igushakako. Bituma Imana yishimira umutima wawe kandi vyose ikaba kwizamu mu bugingo bwawe. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s