Ubutumwa italiki 22.02.2014
Kugira uwundi mutima ushimwa n’Imana.
Kub’agakiza Umwami wacu Yesu Kristo yaduhaye, arashaka ko duhinduka tukagira umutima musha, ushikamye kuri we, yejejwe kandi irimwo inkomezi ziwe kuko hariho ibanga ryiwe twatahuye: NUKO VYOSE BISHOBOKERA MURI WE. Dutegerezwa kugira imigenderanire myiza n’Imana, tukaguma mu bucuti n’Imana.
Itanguriro 22: 1-18 Iyufitanye ubucuti n’Imana iguha uwundi mutima, bigatuma nivy’uvuga ataba ari wewe ariko Mpwemu Yera avugira mu kanwa kawe kandi bigakoreka. Nivyuhura navyo vyose, ugira ukwizera gukomeye cane, ntihagire ikigutera ubwoba canke ngo kiguteshe umutwe kuko uzi uwo wizeye. Aburahamu Imana yashimitse gutsindagira amajambo ngo: jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, umushikanekwikimazi co kwoswa. Ntivyari vyoroshe na gato kuri Aburahamu. Ariko kuko yarafise uwundi mutima, yizeye vyukuri kwiyamusezeraniye ariyo kwizegwa, ico yavuze itegerezwa kugishitsa, kuko itisubirako, bituma agenda gukora ic’Imana yiwe imubwiye. Ariko abagaragu biwe yababariye ngo sigara ngaho tugiye gusenga twe n’umwana wanje. Bakomeza na Isaka wiwe, yamukoreye inkwi nawe yitwarira umuriro n’imbugira. Umwana amubajije iyo umwagazi w’Intama wo gutangwa kwikimazi? Nawe aramwishura aterega mwananje, Imana niyo iribwironkere umwagazi w’Intama wikimazi co kwoswa. Niho bashitseyo, bahubaka igicaniro, afata Isaka aramuboha amurambika kuri ca gicaniro, nkuko yavyatuye Uhoraho arironkera ikimazi, Umumarayika amuhamagara ari mw’ijuru ngo ntagire icakoza umwana wiwe. Yunamuye amaso abona intama iziritse mu gisaka, aragenda arayizana aba ariyo atangakwikimazi co kwoswa mukibanza c’Umwana wiwe. Amajambo yatuye, yose amubera Ko. Mwene Data reka Imana iduhindure gose, tugire umutima ushimwa n’Imana uyubaha kandi uyizeye vyukuri. Aho utiteze niho inyishu yawe iri. Inkomezi Aburahamu yagize zo kugira igicaniro, kandi azi ko agira agishireko umwana wiwe, ntivyari vyoroshe ivyo atagira uwundi mutima Imana yishimira.
Iyo ufise uwundi mutima ugira kw’umvira, kwatura, kwizera no gukora.
Noa yubaka ubwato, bukareremba hejuru, kandi haramato menshi mw’isi, yabwubatse buri kumugambi w’Imana. Itang. 6: 8-9 Yagendana n’Imana, kandi agashimwa naYo murunganwe gwiwe gwose.
Haribintu iyo tutaretse Mpwemu Yera ngwadufashe kubiserangura vy’ukuri tudashobora kubitahura neza. Kuko dukuramwo amajambo atwongera gukunda Imana mu bugingo bwacu, bigatuma tugira uwundi mutima. Kenshi cane abantu tuzitira ugukora kw’Imana kubera ubwenge bwacu, ubumenyi naza experience dufise, tukibagigwa kwarImana yabiduhaye, kandi idakorana navyo.
Ishaka tuyizere gusa kandi twitege ivyiduha kuko idufitiye imigambi myiza.
Yohani 9: 1-3&21-41 Uwo musore Yesu Kristo yakijije amaso vyatumye aronka uwundi mutima, bituma adatinya n’abigisha b’ab’Isirayeli ndetse n’abafarisayo. Ahubwo yarasigaye ahagaze nkubigisha kuko Igitangaza camubayeko, akizera ko Yesu Kristo ar’umwana w’Imana, vyatumye agira uwundi mutima udatinya umwana w’umuntu mukintu na 1. Bituma yizera Imana kugiti ciwe gusa. Nawe mwene Data shikama w’izere, ugire umutima musha uhimbara Imana nayo izokubera incuti nziza cane. Amen