Urukundo rwa Data wa twese rwaduhinduye abana b’Imana. 01.02.2014

Ubutumwa bwo kuwa 01.02.2014

Urukundo rwa Data wa twese rwaduhinduye abana b’Imana.

Imana yaradukunze urukundo ruhebuje, rugoye gutahugwa n’abana b’abantu, mukuduha umwana wayo w’ikinege ngwaze kupfira abari mw’isi. Kandi ugwo rupfu yapfuye n’igwo gwaduhinduye abana b’Imana, abamwizeye. Kandi umuntu wese amuzigako ivyo ariyeza nkuko uwo nawe ar’uwera.

1 Jean 3: 1-11. Nico gituma abana b’Imana badakwiriye kuguma mu caha canke kugikora, kuko Yesu Kristo yaje gukuraho icaha, kandi nta caha kiri muriwe. Abamwizera bose bacitse abana b’Imana ngo barongongwe no kugororoka, bakora ibigororotse kuko ukora ibigororotse ariwe agororoka. Kuko ukora ivyaha wese aba aruwawa mugwanizi. None bene Data ntakindi catumye Umwami wacu Yesu Kristo ahishugwa, atarugusangangura ibikogwa vyose vya wa mugwanizi. Nico gituma twebwe abana b’Imana tudakwiriye kubigumamwo. Kuko ijambo ry’Imana riratubwira kandi niko biri, kukora ivyaha wese aruwawa mugwanizi, ariko ukora ibigororotse wese ari umwana w’Imana, kuko imbuto y’Imana iguma muri we. Nico gituma dukwiye kwiyambura ibibi vyose umugwanizi yodukoresha kuko icaha gituma umuntu gukora ibibi gusa, kandi iherezo ry’uwo muntu rikaba ribi.

Ab’I Kolosayi 1 : 15-22, Ijambo ry’Imana riratwibutsa ko Yesu Kristo vyose biri muri we, kuko vyose niho vyaremewe, kandi natwe yatwuzuri n’Imana Data wa twese mu mubiri wiwe, kubw’urupfu yapfuye, gwadushikane imbere y’Imana tutagira agasembwa, tugororoka, turabera, kandi ataco tugawa. Arinaco gituma ijambo ry’Imana ritubwira ko dukwiye gusa nawe muri y’isi. 1Jean 4:17

Ab’I Filipi 3: 13-21. Yesu Kristo yaje kuturongora munzira ija mw’ijuru, nico gituma dukwiye kwibagigwa ibirinyuma, tukabangira kubiri imbere, tukabandaniriza gushika aho dutanguranirigwa kumpera y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw’Ijuru. Kuko i wacu ni mw’Ijuru. Mwene Data ntihagire ibigusamaza igihe cawe n’iki co kubangiriza murugendo turimwo kugirango wa musi ntituzomaramare. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s