Kwumvira Imana.25.01.2014

Ubutumwa bwo ku wa 25.01.2014

Kwumvira Imana.

Imana yatoranije abana bayo kugirango bayumvire, bayiheshe icubahiro nayo iciza ibane nabo ibahezagire mukubaho kwabo kwose, baroranigwe, ndetse bagire niherezo ryiza. Kwumvira Imana ugashitsa ivyivuze bituma nayo igushitsako ijambo ryayo.

Mat 21: 28-32, Umwami wacu Yesu Kristo ntanezegwa nagato nabafise ukutumvira muri bo, ariko aranezereregwa cane, abagira ishaka ryo kurondera Imana no gushitsa ivyagezwe vyayo. Matayo 7: 24-29 &21-23, Umuntu yumvira Imana, Yesu Kristo amugereranya n’umuntu wumunyabwenge yubatse inzu yiwe kurutare, naho hogwa igihuhusi canke isegenya, inkukura igatwaza, bisurira kuri yanzu ntihagire na 1 biyigira kuko yubatse kurutare arigwo Yesu Kristo. Amuha inkomezi zo kunesha no gutsinda ibimugerageza.

Ariko uwumva ijambo ry’Imana ntarikurikize, amugereranya n’umuntu wikijuju, yubtse inzu yiwe ku musenyi, ihenugwa nikintu icarico coose. Kandi Imana iratuburira iti benshi bazomubwira kuri wa munsi ko bakoze ibikogwa vyinshi vy’Imana kandi ko banayivugiye, ariko na Yo izobajinjibura iti mumvimbere kuko sinigeze kubamenya. Ishaka nimba tuyikorera canke twaratoranijwe nayo, dukore n’icijambo ryayo naryo rivuga kandi muri vyose ataco ducaguyemwo, kuko ntiyaduhaye ibigumye ariko yaduhaye ubuzima bwiza muri vyose tubikurikije uko yabiduhaye. Iyo ugiriwe ubwo buntu bwo kugira umutima uciye bugufi wumvira, wabohotse  mu bibi vyose, n’Imana yo nyene ica iza igakora mubugingo bwawe, mu muhamagaro wawe, ndetse no muvyawe vyose. Gusubira mu Vyag.30: 1-11 ; Yosuwa 1: 5-9

Imana yihanikirije umusavyi wayo Yosuwa, yongera icisha no kum,umusavyi wayo  Mose, imwihanikiriza cane ngwashikame ashire amanga cane yitondere ivyagezwe vyayo, abishitse , ngo ntaza atambamire iburyo canke ibumoso, kugirango agire ukuboko kwiza ah’aja hose.  Yosuwa yarumviye ic’Imana yavuze kandi nayo ibana nawe muri vyose gushika k’umusi wiwe wo guheza muriy’isi.

Kand’Imana yabanye nawe, Ishitsa ijambo ryayo kumusavyi wayo muri vyose yamuvuzeko. Ivyiwe bigenda neza, agira amahigwe muri vyose. Mwene Data Imana yacu ntihinduka, uko yamye nubu nikw’iri kandi niko izokwama ibihe bidashira. Reka twiyambure ivyaha bikunda kutwizingirako. Izo mbuto z’umwami wiy’isi tuziyambure muri vyose: inzigo, ishari, uburyarya, urwanko, ububeshi, ubw’icanyi, akaboregwe, ubusambanyi …………..eka nibindi vyose wiyiziko, ndetse nabagenzawe badashobora kukumenyako.

Wibukeko Imana ibizi kandi bigutesha amasezerano yawe canke bikanayatevya, ndetse bigutera ingwara zitandukanye no kubaho nabi. Reka duse n’Umwami wacu Yesu Kristo kandi tugire n’ingabire za Mpwemu Yera twahawe ntihagire ikizitwara ikibanza na kimwe. Kuko Yaje ngo abari muriwe vy’ukuri babeho neza, bagire amahoro menshi  mukubaho kwabo, ndetse no kugubwa neza mumutima wawe, kukufise Umwami w’abami. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s