Ubutumwa 11.01.2014
Imana izogucira inzira.
Urukundo rw’Imana rukikuje abantu bayo, rukabakiza, rukabarokora muvyo bahura navyo no muvyo bacamwo vyose, kuko bizeye Imana. Itanguriro 18: 1-19. Mu bihe vyose Imana yacu irakora kandi ntakiyinanira. Aburahamu yahagaze neza yuzuye urukundo rw’Imana, akanayikorera mukwerekana urukundo akunze Imana yiwe. Vyatumye yakira abamarayika b’Imana, na Yo mu butama bwiwe imuha uruvyaro, imushitsako amasezerano, acika sekuruza w’amahanga. Yamugize umukundwa cane wayo , kuburyo bwuko ataco yakora itabanje kubimuhishurira. Kandi Ivugako ariwe azokwigisha abana biwe ivyagezwe vyayo, no kubayikundisha akongera akanabayubahisha. Imuburira kuvyo igiye gukorera Sadomu na Gomola, nawe arasenga asabira abagororotsi bari muri Sodomu, kandi igihe Imana yakurayo Loti yibutse amasengesho ya Aburahamu. Ariko kuko Aburahamu yari yarigishije Loti urukundo rw’Imana n’ijambo ryayo, b’abagabo Aburahamu yakira agasanga yakiriye abamarayika b’Imana mukubabagira ipfizi yinka, nokubarondereza amazimano menshi meza, kandi abinginga cane, na Loti nawe yabigenjeje gutyo, bashitse i Sodomu basanga Loti nawe yicaye kw’irembo ry’igisagara arabinginga ngo binjire abazimane, baramwankira ariko arabinginga cane barateba baremera kwinjira iwe nawe agira nkuko se wabo yakoze arabarondereza amazimano menshi abafata neza cane. Abagabo bose abakuze n’abato bakondokera kwa Loti ngo n’abahe abo bantu babonone, ariko Loti agira urukundo rwinshi kuri bo. Arabankira ati basi mpfume ndabaha abakobwa banje abe aribo mugira uko mushaka!! Ariko baramwankira nawe bagomba kumugirira nabi, baba Malayika batuma ukuboko baramwinjiza munzu. Basuka mwuruhunyi babagabo bose barondera umuryango barawubura. Itangur. 19: 1-10 & 15-16 &29, uwo mutima w’urukundo Loti yagize mukwakira abo bagabo (aribo bari abamalayika b’Imana), no mukubarinda abagomba kubagirira nabi, bituma abo bamalayika bamukura n’umuryango wiwe wose muri Sodomu baramusohora igisagara, imbere yuko bahubika nkuko Imana yari yabarungitse kubikora. Ibikogwa vyiza yakoze, kubw’urukundo yerekanye, vyatumye Imana imucira inzira yo gutabagwa, hamwe n’amasengesho ya Aburahamu se wabo.
Ivyakoz.n’Intum. 16: 25-31 Paul na Silas bakorera Imana n’umutima wabo wose, bayizeye kandi buzuye urukundo rw’Imana rwabariko barahona. Imana nayo ibana nabo muvyo bacamwo vyose ikabacira inzira ikabarokora. Bari mw’ibohero bamerewe nabi cane, ariko basenga banaririmbira Imana n’umutima wabo wose bayishima. Bituma Imana irungika Malayika wayo kubakurayo, itigitisha isi imiryango y’Ibohero iriyugurura, iminyororo iradohoka ibavako, Imana ibacira inzira ibakura muriryo bohero, icira n’inzira umurinzi w’ibohero ahabonera agakiza n’abo murugo rwiwe bose.
Mwene data nawe isezerano n’iryawe uyu musi, gira urukundo ruzima ruvuye ku Mana nzima, rufatanije no kuyigororokera, werekane urwo rukundo mukwama ivyamwa vyiza bivuye kubikogwa vyiza vyose, wamire imbuto nziza abakubona n’abagutumbera iwawe no murushengero rwawe ndetse nabakwiturako. Shitsa ijambo ry’Imana Yera nawe iragucira inzira muri vyose. Kuko Imana ntigabitanya ngo yibagigwe ibikogwa vyiza wakoze canke ugiye gukora. Urukundo rwayo rukikuje abantu bayo kandi ikabarokora. amen