Gusenga: Niyihe ntumberro ufise mu gusenga? 04.01.2014

Samedi le 04/01/2014

Gusenga: Niyihe ntumberro ufise mu gusenga?

Imana yahagurukije abantu bayo ngo baje kuyisenga kandi bayiheshe icubahiro . Kuko murivyo niho nayo yerekana ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo. Umusavyi w’Uhoraho Yeremiya yarasenze Imana, na yo iramwumva ingene asenga iraheza iraza ivugana na we. Yeremiya 15: 15-21. Yasenga yiganyira, yidogera Imana, ayitako ibirake ndetse avuga ivyo yiyumvira kumutima wiwe vyose bijanye n’umubabaro yarimwo nivyo yariko aracamwo. Ariko rero Imana yacu n’inyabuntu bwinshi cane, kandi igira urukundo rwinshi, imwereka ko yoyo Itunganye kandi idaca izigoramye.Yeremiya 32: 16-26 & 38.42.  Iramwishura ngo nahindukire arobanure ibiroranye mu bitagira ikimazi. Nayo izomugira nkakanwa kayo, kandi bazomugwanya ariko ntibazomunesha kuko izobirikumwe nawe. Yeremiya amaze guhingurwa no kwigishwa n’Imana asenga, yongera gusenga ashimira  Imana ari mw’ibohero ayinginga avuga ubu Mana bw’Imana yiwe, urukundo n’ubuntu igirira abayambaza, avuga imbabazi zayo, n’ingene arumuhanuzi mwiza n’ibindi…, eka ndetse yihana ingene abiwabi bababaje Imana bakayigarariza, nayo yumva gusenga kwiwe Imuha amasezerano kubany’Isirayeli n’igihugu cabo, Ndetse iramwimbwira iti nd’Uhoraho, Imana yabariho bose : Mbega harikintu na 1 kinanira? Kandi naho yasengera mw’ibohero, Imana ikorana n’imitima imenetse kandi itanduye, yaramusanzeyo ivugana nawe kandi iramwishura. Kuba mu masengesho n’ikibanza co kuboneramwo : -urukundo rw’Imana; – ubushobozi bw’Imana; – kubohokeramwo; -guhindukiramwo; – gutahuriramwo no kwigishirizwamwo (ugahabwa ubwenge); – gutabarigwamwo no gukomerezwamwo; – gusubirizwamwo no kwumvigwamwo; -uganira n’Imana kandi ukagira guhishurigwa. Hari amasengesho akora ku mutima w’Imana ugatuma uburake bwayo buhwama. Ndetse ukaharonkera amasezerano. Mariko 9: 22-25 Uwo mugabo yagiye gutakambira Umwami wacu Yesu Kristo ngwamukirize umwana, ariko akabarira Kristo Yesu ngo nimba wobishobora unkirize umwana. Nawe aramwishura ngo uvuzengo namba NOBISHOBORA? Ariko aramubwira aterega vyose bishobokera uwizeye. Mwene Data senga wizeye kandi umenye ingene uvugana n’Imana yawe, ca bugufi wemere ububi bwawe, kandi umenye kwiyo uvugana nayo ar’Iyera, kandi yuzuye ubuntu n’imbabazi. Ntiwidoge canke ngushwanire Imana, umenye ko vyose ibidukorera kubuntu bwayo igihe cooose. Kandiko itarenganya, ariko irashaka ko tumenya kwari Mushobora vyose kandi ata nakimwe kiyinanira. Ububasha, ubushobozi n’imbabazi n’ubuntu bwayo bwama kubantu bayo ibihe vyose. Paul na Sila basengeye mw’ibohero baririmba kandi bashimira Imana naho bariko bababazwa cane, bagatazira bavuga ububasha n’ubushobozi bwayo n’imbabazi zayo, irungika Marayika wayo arabasohora. Nawe Mwene Data ibuka ingene usenga uri mukibazo canke mu bindi uheze wizere Imana uyishimire ivyo yagukoreye vyose nivyo yakoreye ba sokuruza. Ntizokureka na gato. Ivyak n’Int 16: 25-34 Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s