Imana yacu iratubwira ngo: Nkunda abankunda kandi abandondera ubudahumeka bazombona. 31.12-01.01.2014

Message du 31/12-01/01/2014

Imana yacu iratubwira ngo: Nkunda abankunda kandi abandondera ubudahumeka bazombona.

Umwaka wa 2014, n’umwaka Imana igiye gukomeza kwerekana mubayikunda, urukundo yakunze Umwana w’umuntu mukuduka umwana wayo wikinege Yesu Kristo. Kandi irashaka ko natwe tuba reconnaissant nivyidukorera, mukuyikorera nokwerekana urukundo rwayo mu bantu nomuvyo dukora vyose tuyubahishe. Mwene Data iratubwira ko iyatanze Uwo mwana wayo ico yotwima nigiki? Yaje kugutera intege ngumenyeko Izina ryayo rizoshemagizwa muri wewe muvyizogenda iragukorera muruwu mwaka wa 2014, ndetse no mubuzima bwawe hatavuyemwo kuguhindura niyo wayemerera. Imigani 8: 17-21 &32-36 & 14-16.      

Hezekiya yasenz’Imana yinginga Imana imuburiye ngo yitegure agiye gupfa. Aca ahindukirira kuruhome asenga Imana ayinginga ayibutsa ivyo yakoze neza imbere y’uhoraho nuko yagendera imbere yayo yitonze. Imana yumva gusenga kwiwe ica iramutumako umuvugishwa n’Imana Yesaya, yukwimwongeye imyaka yo kubaho 15. Kandi kw’izomukiza n’igisagara ciwe, ikamukura mumaboko w’abansi biwe. Imigani 8: 3-6. Umugore w’umushunemukazi yasubijwe ivyiwe vyose n’umwami w’igihugu ciwe, avuye mubuhungiro kubwibikogwa vyiza yari yarakoreye umusavyi w’Uhoraho Elisa mukumwubakira ahaba hejuru yinzu yabo. Mwene Data korera Imana yawe nayo izokwitaho ndetse inakuburanire ahuzoja hose. Ikiganza ciza cayo kizokubako. Zaburi 91: 14-16 ; Yohani 14: 18-24. Gendera muvyagezwe vy’Uhoraho, uvyitondere nihuzoba werekanye kukunda Umwami wacu Yesu Kristo. Wugurure umuti wawe ubishitse, Umwami wacu Yesu Kristo na Data wa twese bazoza babe mu bugingo bwawe. Kandi Imana ikubere vyose ahuzoburi hose nomuvyuzokora vyose. Ibikora kubuntu ariko ntizokwirengagiza abayubaha na 1. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s