Samedi le 28 .12 .2013
Menya k´uri mu biganza vyiza vy’Imana.
Ijambo ry’Imana ryaje ngo turyizere kandiyo turyizeye bitubera kuno. Imana yahisemwo abantu bayo kandibaha amasezerano, kandayo masezerano arashika kuwizeye wese. Itanguriro 12:1-4 , Nehemiya 9: 7-8 Imana yahamagaye Aburamu, kuko yashimye umutima wiwe, imubwira kuva munzu ya se no mumuryango wabo no mugihugu cabo, arayumvira kandi yizera ijambo Imana yamubwiye, abiharugwako nkukugororoka. Yamusezeraniye imigisha n’uruvyaro rwose ruzomukomokako, kandi nawe imigisha yayibayemwo bikomeye kuko yari mu biganza vyiza vy’Imana. Iy’Imana imaze kukuzamwo iraguhezagira. Kandi yongera imucisha ahantu ho kumumanyagura kugirangw’ikomeze amasezerano yiwe na Yo. Imusaba kuyishikaniya Isaka umwana yaronse mu butama bwiwe kw’isezerano. Umutima wiwe uramanyagugwa cane murugendo rurerure yakoze na Isaka baja kugicaniro, ariko yizeye cane amasezerano Imana yiwe yamuhaye, kandi arayibona, imuha intama yogushikana mu gicaniro mukibanza c’umwana wiwe. Ariko murukwo kumanyagugwa yavuyemwo uruvyaro rwinshi cane.
Benshi bibananira kwizera bigatuma badafata ijambo ry’Imana nkiryabo. Fata ijambo nkiryawe, kuko igihe wakira Yesu nk’Umwami n’umukiza wawe yaraje mubugingo bwawe kandi yaraguhezagiye. Nico gituma adusaba ngo tumwizere ico cose yavuze, ntitugifate mumajambo cankinkuru kuko iyavuze niyo kwizegwa irabishitsa. Luka 24: 13-32. Igihe Yesu kristo yazuka yiyeretse 2 muntumwa ziwe, bagenda bavugana kubimwerekeye, bavuga nuko bari bizeye kwariwe azoba Umwami w’ab’Isirayeli. Ariko we amazekubumviriza atangura kubabwira ivya Mose n’abavugisha n’Imana, bagiye no gusangira aho bari bagiye kurara asubira kumanyagura umukate arawuhezagira arawubaha nkuko yabikoze na mbere. Baca barahumuka amaso bamenyako ari We. Bari bamaze kwigendera muvyabo naho yari yaravuganye nabo, ariko urukundo rwiwe rwatumye aja kubagarura, basubira mumurimo.
Kuko nari mubiganza vyiza vyiwe. Yesu Kristo yamanyaguye imitsima mukwerekana ukumanyagugwa kwiwe, akavamwo amahanga menshi amwizeye. Yerekana uwo mutsima kurya yahagije abantu 5.000 imitsima itanu n’udufi 2. Luka 9: 10-17. Ariko amenyesha kugwizwa kwiwe kandi nawe mwene Data menyako uri mubiganza vyiza y’Imana ivyucamwo uhagaze neza mu Mana bigutere kwizera gose kuko hazovamwo ivyiza vyinshii.
Yosefu yarafise amasezerano Imana yamuhaye, ariko yaciye mukumanyagwa igihe yatabwa mu gishimu, akadandazwa mugihugu c’abanyamahanga ndetse agaca no mw’ibohero mumahanga. Ariko yari mubiganza vyiza vy’Imana naho bitamworoheye, yizera Imana gusa amasezerano yose aramushikako. Harivyizigiro bikomeye cane mubamenye Imana, kuko iri muri wewe kandi iraguhezagira kuko wayimenye. Amen