Raba neza uwo muhagararanye. 14.12.2013

Message du 14.12.2013

Raba neza uwo muhagararanye.

Raba neza uwo muhagararanye kuko niwe azoguha ubwenge bwo gushikira ivyo wifuza. Abantu benshi bakunda kwiyemera ubwabo, canke bakemera uko bigishijwe canke ivyo bakuriyemwo, bigatuma bibananira kwisuzuma ngo bace bugufi  Imana ibabohore. Ntibagomba kwemera igicapo gishasha Imana ibashakako. Ahorero satani ahafatira abantu , kuko umuntu amaze kubohoka, Imana  imuha ubwenge muri vyose.  Bivanye naho uriko uraca, haba mungorane, mu bibazo, mungwara, mu vyiza canke mu kugubwa neza cane kuko navyo birashobora gutuma umuntu ata inzira yagakiza. Nico gituma Imana ishobora kuvugana natwe mu bihe vyose. Yosuwa 1: 1-10, Yosuwa abona umusavyi w’Uhoraho Mose amuha amategeko ngwayagenderemwo mukurongora ubwoko bw’Imana, ndetse noneho akabona aranapfuye, kubwiwe bishobora kuba vyaramubereye vyiiinshi cane biramuremera kuko kumbe ntayabona ingene ashobora ku genre abantu buhoraho, kuko nabanti bitababereye icoroshe  Mose yapfuye. Ariko harigihe Imana ihenura ic’umuntu yegamiye kugirango iguhumure amaso yiyerekane mubuzima bwawe. Iguhe impfunguruzo zo kumeregwa neza (kuroranigwa), kuko niyo ifise intumbero nziza y’ubuzima bw’umuntu wese. Imana nayo Yaraje nkuko yabariye umusavyi wayo Mose, iravugana na Yosuwa kwariwe azoshikana abantu bayo mugihugu yarahiye ba sekuruza kwazobaha.Kandi ngwazakurikize ivyo Mose yamugeze  kandi n’ivyagezwe vyayo kandi ngo ashikame ashire amanga kuko Irikumwe nawe kandi ngo ntatinye, ntaranduke umutima. Yosuwa kuko yarazi neza adakekeranya urikumwe nawe kandi amwizeye, yakoze uko yabwiwe, Imana nayo ica iraza iramukuza imbere y’abantu booose.Yosuwa 3: 7; Yosuwa 4: 14 Yagize ubwenge arumvira, nayo Imushitsako amasezerano, imukuramwo ivy’iyumviro vyiwe, imuha kurongogwa nijwi ryayo kandi ibana nawe vyose bigenda neza. Ivyo yamugeneye arabishikira. Gira kwumvira Imana kuko inkomezi zawe ziri mw’ijambo ry’Imana. Niryo rizokubera vitamine na energie zawe muvyuzoba uriko uracamwo vyose. Gira umutima wo guhezagigwa naryo muri vyose. Kumenya ko twakunzwe n’Imana bituma duhindugwa n’urukundo rwayo, Mpwemu Yera nawe aka developpa caractere zacu mu Mana na attitude y’umuntu. Hama Imana ikaduha amavuta surnaturelle adushoboza kugira operation muri domaine zose. Ahubwo iy’umuntu atiyambuye vyukuri ngwamenye neza uwo bahagararanye Imana ngw’imukoreremwo, bituma usanga agira umubabaro, ubwoba bwagakiza canke ivyahura navyo, ntiyiyumva neza mu gakiza ndetse ntanashika kucifuzo ciwe, canke bikamucereza kubishikako. 2 Timote 1: 6-14 Pahoro yahanuye Timoteyo gufurura ingabire ziri muriwe kuko yagira ubwoba bwinshi, agatinya kandi akikengera bigatuma acegwa gushika kuco Imana yamugeneye. Mwene Data mw’ijambo ry’imana harimwo voix de sortie, ariko hakenewe ubwenge bwo kubitahura. Ivyak. N’Intum. 9: 13-19 Paul Imana imaze kumutoranya, naho abantu haruwo bari bakimuziko, ariko Imana yo yarizi ico yamugeneye no kumukoresha. Paul nawe amenya neza uwo barikumwe, yemera kuba imbohe kubw’ijambo ryu wo kuko yarazi kwariwe gupfa no kuzuka kwiwe. Amenya neza adakekeranya kwariwe azomushitsa kubugingo budashira murugendo rwiwe gwosee. Nawe mwene Data menya kwisuzuma umenye uwo muhagararanye, nimigenderanire yawe na we kugirango ntuceregwe gushika kucifuzo cawe canke ntuhushe ngo witoborere inzira ataguteguriye. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s