Yesu yaje gutangaza inkuru nziza. 07.12.2013

Ubutumwa bwa 07.12.2013

Yesu yaje gutangaza inkuru nziza.

Kubw’urukundo Yesu Kristo yakunze abari mw’isi rwatumye aza guhumuriza no kuremesha abamwizeye bose, kugirango ivyo bacamwo canke bahura navyo mu buzima, bagire kumwizera kandi bareme. Yohani 12: 44-47. Hari ibintu bikomeye yaje gukora mu bamwizeye:

-Yaje kuduhumura, -Yaje kutumurikira, – Kuturemesha, -kuduhumuriza kandi ngo tumwizere. Tumaze kumwizera tuzoba muri We nawe akatubamwo kandi vyose muri We birashoboka.  Yohani 14: 1-14, Luka 8: 40-55. Umuntu ashobora kuba yaramaze gusesagura utwiwe twose nkuko iryo jambo ry’Imana ribivuga kuruwo mugore yaragwaye ubutinyanka imyaka 12, kandi yarivujije mubaganga nutwiwe twose yaratumaze, ariko amaze gukora kubuyonga bw’impuzu za Yesu Kristo, uwo mwanya nyene umugende w’amaraso urahagarara amaze kwatura icari kimugoye. Nawe aramubwira ati mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije genda amahoro. Umukuru w’isinagogi yitwa Yayiro, yariyaje kumurondera ngo agende amukirize umwana w’umukobwa yarafise w’ikinege kandi yari kumpfiro, baza kumubwira ngo areke kugora umwigisha kuko umwana wiwe yahwereye ( yacikanye). Maze Yesu Kristo avyumvise aramubwira ati ntutinye, wizere gusa , arakira. Bashitseyo asanga bamuririra cane, bishishitira, arababwira ati ntaco murira ntahwereye ariko arasinziriye. Baramutwenga, bamushinyagurira, ariko we arinjira amufata ukuboko, avuga nijwi rirenga ati mukobwa, vyuka. Ubugingo bwiwe buragaruka aca ava hasi uwo mwanya. Luka 7: 11-17. Umupfakazi yarafise umwana umwe gusa wikinege, nawe arapfa bagiye kumuhamba aherekejwe n’abantu benshi bo murico mugisagara. Bahura na Yesu Kristo aramubwira ati nta co urira. Yigira hafi yigikangara afata ikiziga cuwo mwana, aravuga ati muhungu ndakubwiye vyuka. Uwari yapfuye arazuka, aricara, Yesu amuha nyina. Mubihe vyose Yesu arakora. Ntabihe bigora kuri we. Nico gituma nawe akubarira ati, uko bimeze kwose mutumbere. Naho vyoba ari ivyapfuye, iwe hari izuka n’ubugingo. Haramahoro no kurema umutima, hari ibitangaza n’amashimwe, kandi nta na 1 kimunanira. Ntiwitevye rero ngo satani akuzingazingire mukwiheba no mu bugaragwa kuko Yesu Kristo nta bugaragwa ajamwo, kandi ntabihe bigora kuri we kuko muri we vyose birashoboka kubizera.  Umuntu ashobora kuba yaramaze kuronka amakete canke impapuro zokumurandura umutima mu buryo butandukanye, canke abantu bakamuheba, ariko Yesu Kristo we ntawe yahevye na gato, ariko arakubwira ng’uhumure kand’umwizere gusa kuko ntakimunanira. Azura abapfuye, agahindura amategeko y’abana babantu bashizeho, agashingura akarimbi kabagize impari. Mariko 6: 35-44. Yesu yahagije abantu abagabo ibihumbi bitanu, udutsima ndwi, n’udufi tubiri. Nico gituma akubwira ati muri vyose arashoboye. Aho umugwanizi akubwira ati birakomeye, na We akubwira umwizeye naho yoba yarapfuye azobahoo. Amen. Ariko arakubaza ati ufise iki? Kuko urupfunguruzo rw’ibitangaza niwewe urubika. Gira ico ufise nawe arakora.Mwene Data hagarara kw’ijambo wakire ibitangaza vyawe mu Mwami wacu Yesu Kristo. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s