Message du 30.11.2013
Yesu Kristo yaje ngo tumwizere.
Imana Data wa twese yaduhaye Umwana wayo Yesu Kristo ngo tumwizere kandi uzomwizera wese ntazakogwe n’isoni, kandi ntaze apfe rubi.
Yaje kudukiza icaha, ububasha bw’icaha n’ubushobozi bwaco. Icaha nico kibera aba kristo intambamyi ariko benshi ntibabimenye. Yesaya 1: 10-15. Abayuda bama bagenda gukorana ariko buzuye ivyaha bitandukanye, bishavuza Imana cane, ariko kubw’urukundo rwayo irababwira ngo bihane bahindukire Ibagirire neza, Ibakize. Kuko bama bagenda gushikanira Imana ariko imitima yabo iri kure yayo. Naho bari ihanga ry’Imana harivyo yashaka ko batandukana navyo. Nico gituma Umwami wacu Yesu Kristo yaje ngo tumwizere, kandi tugende twiyambura ivyo vyose bitugora kandi bituboha bikadutandukanya no munyonga z’Imana. Kuko uwizeye Kristo Yesu atandukana n’icaha nigisa naco. Mariko 16: 14-18 (Matayo28: 16-20). Yesu amaze kuzuka yatumye intumwa kwigisha abaremwe bose ubutumwa bwiza, nguzokwizera akabatizwa azokizwa, arikutizera azotsindwa n’urubanza. Niwe twizera kuko niwe mwagazi w’Imana yaje gupfira abanyavyaha. Kand’umwizera wese vy’ukuri adakekeranya amuha ububasha bwo gukoreshwa ibikomeye nawe, mw’izina ryiwe ryera; rya Yesu Kristo. Petero kare yaraboshwe n’impwemu yubwoba aho yihakana Yesu Kristo, kuko atari bwizere. Ariko amaze kumwizera vyose birahinduka. Ivyak.n’Intumwa 3: 11-20. Petero na Yohana bamaze gukiza ikirema kwirembo ry’urushengero, ishengero rikoraniye kuraba ibibaye, baciye bashingira intahe umwami wacu Yesu Kristo, kwari muriryo zina uwo babona yahora amugaye, kuko yamwizeye ni We atumye ahagarara gutyo. Baca bahanura ishengero ngo ryihane, rihindukire ivyaha vyabo bihanagugwe, ibihe vyo guhembuka bibone ingene biza. Kuko Mpwemu Yera adakorana n’ivyaha. Kandi Yesu agirira imbabazi umusanze wese ngwamukize, apfa guca bugufi gusa, na We imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira. 2Abami 5: 8-16 Mamani, umugabisha w’ingabo z’umwami w’i siriya, yarumuntu akomeye cane,kandi yarumunyacubahiro, ariko yarafise imibembe. Amazekugenda mugihugu c’ab’Isirayeli ng’umuvugishwa n’Imana amukize, yabanje kudaca bugufi, ariko amaze guca bugufi agakora ic’umuntu w’Imana amubwiye gukora ngo yiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo 7. yavuye mumazi afise umubiri nk’uw’umwana muto. Aca arahinduka muri vyose, haba kumubiri,mu vyiyumviro, kumutima kuko yakomeje gusenga Imana y’ab’Isirayeli, no mumibereho kuko atakomeje kugenda uko abanyamahanga bagenda. Nico Kristo adushakako kuko umwizeye wese ahinduka. Elisa ntiyemereye Namani ko amushikanira ivyo yamugereye, kuko n’Imana yari yamukoresheje kandi nayo igirira neza abayituye bose. Ariko Gehazi umushumba wiwe we yirutse asanga Namani munzira kugirango abimwake, ndetse aranabimwaka. Naho yabana n’umukozi w’Imana harivyaha vyagumye bimuboshe, irari ry’ivy’isi, ububeshi n’ibindi. Nico catumye imibembe yari kuri Namani umujako n’abamukomokako bose. Mwene Data reka dutandukane n’ibihumanya, ariko tubangirize kwizera Umwami wacu Yesu Kristo turonke ubugingo budashira. Kuko vyose yabiteguriye abamukunda. Yesaya 51: 1-3. Izere Kristo Yesu, amasezerano ya Sokuru Aburahamu yakomezanije n’abizeye Umwami wacu Yesu, ukurunganwe ruzogenda rukurikirana. Amen