Kwumva ijwi ry’Imana no kurikurikiza. 23.11.2013

Ubutumwa bwo ku wa 23.11.2013

Kwumva ijwi ry’Imana no kurikurikiza.

Iy’Imana ivuze habahari ibikomeye bikoreka mubumvise ijwi ryayo kandi bakarikurikiza. Ijwi ry’Imana riza kuko hari imigambi myiza iba ifise ku bantu bayo. Kuko umuntu wese aragira imigambi mu buzima bwiwe, ariko imigambi y’Imanba ni yo abari myiza ku buzima bwacu no mubikogwa vyayo dukora. Kandi imigambi y’abantu n’iy’Imana biratandukana caane. Kandi ijwi ryayo riza harimwo urukundo rwinshi. Matayo 20: 1-16 Umwami wacu Yesu Kristo yagereranije ubwami bwo mw’ijuru na nyenurugo yazindutse kurondera abamukorera muruzabibu rwiwe. Kukw’Imana yacu itarenganya, abazindutse n’abaje amasaha atandukanye bose baronse impembo imwe bose. Abaje mbere barashavura ndetse baranidodomba cane kuko abanganije n’abandi ku mpembo. Arababwira ati sindabarenganije, ariko ndabagiriye uko twavuganye kandi ntakimbuza kugira uko ngomvye. Ariko aca atubwira kuko arikw’abaje imbere bazoba abinyuma.

Luka 1: 26-34 Umuvyeyi w’Umwami wacu Yesu Kristo yarafise imigambi yo kuja kwubaka ugwiwe kandi yaja yarakowe n’umusore yitwa Yosefu. Ariko Imana yo mw’ijuru nayo yaja yaramugizeko umugambi mwiza wo kutuvyarira umukiza. Malayika Gaburiyeli amujeko akamubwura kwagiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe. Kandi kwagiye gusama inda ya Mpwemu Yera akavyara umwana azamwite Yesu. Yumviye ijwi ry’Imana ntiyaravye hirya no hino ati mbega ko nakowe, unkoye ndamubwira iki? Abavyeyi ndababwira iki? Urushengero asengeramwo canke abagenzi biwe ho mvuga iki? Ariko yaciye bugufi abaza Umumarayika ingene bizogenda, kuko ataribwamenye icitwa umugabo. Kubwo kwumvira kwiwe, Imana ibana nawe vyose bigenda neza. Imana ishobora gutegurira umuntu mungorane canke mu mafuti. 1 Samweli 3: 1-14: Umwana Samweli yahamagawe n’Imana aho yararyamye murushengero iruhande y’isandugu y’Uhoraho. Kandi itara ry’Imana ryaraka naho ijambo ry’Uhoraho ryari risigaye arimbonekarimwe, kandi atakwerekwa na We kari kukiriho  cane. Ariko abahungu ba Eli bari baracumuye k’Uhoraho, bihamagarira umuvumo nawe ntiyabatesha. Bishavuza Imana, nico gituma yaciye ihamagara Umwana Samweli agasubira mu gishingo ca Eli n’abahungu biwe. Imana yacu iri concerne na continuite ihagaze ku bantu. Nico gituma aba Eli bikwegeye umuvumo yaciye itoranya uwo umutima wayo wishimiye. Kandi ikabana nawe igihe cose ntikunde ko harijambo ryiwe rikorokera hasi. Kuko yabayeho ubuzima bwiwe bwose yubaha Imana cane kandi ayumvira, akagendera muvyagezwe vyayo, kandi agakurikiza ic’ijwi ry’Imana rimubwiye. Aba Eli nabo batumviye Imana umuvumo ukurikira nababakomokako boose. Ikigeragezo iyokije ntikigerageza ivy’i Mpwemu ariko kigerageza ivy’umubiri. Daniel 3: 13-18 , Shadulaka, Meshaki na Abedunego bageragejwe no kwunamira igishushanyo c’umwami Nebukadinezari, ariko ntibigeze babikora kuko hariho Imana yabo bunamira yonyene bari bafise, kuko bari barumvise ijwi ryayo yivuga kwatayindi Mana iriho ihwanye nayo yo kwunamwira, mw’ijuru mw’isi n’ikuzimu. Barizera bahagarara kuriryo jambo, bishura umwami ababwira ati ko mwanse kwunamira igishushanyo canje, mbega imana yobakura mu kuboko kwanje yoba iyihe? Kuko bari bazi neza badakekeranya kwijwi n’ijambo ry’Imana yabo nabo bati Ntiturinda kugira ico tukwishura kuriryo jambo. Imana yacu dusavye ishobora kudukiza muriryo tanure ry’umuriro uhinda. Mwene Data ya Mana yabo ntiyatevye kuza kubakiza kuko bayizeye kandi bagahagarara badatinye kw’ijambo ryayo. Nkuko Umwami wacu Yesu Kristo yavuze ati ntimuhagarike umutima mwizere Imana nanje munyizere. Iryo jambo ryayo ni ukuri, nturandugwe umutima nivyo ushobora kuba uriko uracamwo. Ari hafi yawe. Kandi reka kuyirengera mumigambi yawe myinshi iri mumutwe wawe kuko inama nziza niyayo. Niyo izi ibiri imbere ku muntu, kandi ikamenya niherezo ry’umuntu. Ca bugufi rero wumvire ijwi ry’Imana kandi urikurikize kuko ikunda abafise imitima iciye bugufi kandi yumvira. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s