Ubutumwa bwo ku wa 16.11.2013

Umwami Imana ibana n’abafise umutima umenetse kandi ujanjaguritse, uyubaha kugirango ibakize.

Yesu Kristo yatuzaniye ijambo ryagakiza kugirango uzorigumamwo wese rizomubesheho, rimurongore no gushika mu bihe bidashira. Rimutere kwubaha Imana, kuyumvira no kuyikorera no kumenya neza uko idushaka. Yohani 1: 40-51. Umwami wacu Yesu Kristo yaritegereza kandi akamenya atihenda abo akwiye guhamagara ngo bamukurikire. Kandi uko bagendana nawe, bakumvira ijambo ryiwe baciye bugufi rikabahindura, hakaba muribo icubahiro c’Imana nigitinyiro Matayo 16: 15-19cayo ndetse nigikundiro cayo mu mitima yabo, yabagize abakomeye muvy’ubwami bw’Imana., Petero yuguruye umutima wiwe wose mukwumvira ijambo ry’Imana, Mpwemu Yera amuzako, akamumenyesha ivyo akwiye kuvuga. Kuko Mpwemu Yera yamutahuza kandi akamumenyesha ivy’abantu badashobora kumenya no gutahura. Niho Yesu Kristo yababaza ati mwebwe mugirango ndinde? Petero akamwishura, ati:» Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.» Yesu Kristo nawe aca amubwira ati nanje ndakubwira yuko uri Petero, amugira urutare azokwubakako urushengero rwiwe, kandi amarembo y’ikuzimu ntazorishobora. Ntakindi catumye Yesu Kristo amuhitamwo akamugira ukomeye akamuha n’imfunguzo z’ubwami bwo mw’ijuru, akamuha n’ububasha bwo guhambira mw’isi no mw’ijuru. Ndetse no guhamburura mw’isi kikazoba gihamburuwe no mw’ijuru. Nuko Petero yatanze umutima wiwe wose kuri KristoYesu, amubera umwizigigwa. Nawe mwene Data nico Imana igushakako ko tuyizera, tukayubaha, tukayikirikira n’imitima yacu yose kandi tuyubashe, tukayumvira muvyo itubwira vyoooose. Kuko niyo izi ikibi n’iciza, itubonera imbere kandi mukuyumvira ituba hafi ndetse ikanatuvugisha, ikabana natwe muri vyose. Ariko iyo tutayumviye bitubera bibi cane, kuko tuba twigize abansi bayo, kandi ariyo idufisekububasha ikanatubera umutabazi muri vyose.

1Samweli 28: 8-17 Umwami Sauli yatowe n’Imana asigwa amavuta ngwarongore ab’Isirayeli. Yagenderegwa n’Imana mu buryo bwinshi haba munzozi, mubavugishwa n’Imana canke mu buryo bwa Urimu. Ariko amaze kutayumvira ngwakore uko Imana imutegetse, vyatumye Imana itakimwumvira ngwimubwire ivyo akwiriye gukora. Bituma yongera icaha mukindi agenda kuraguza mu bapfumu bahamagara imizimu ngo bamuzurire umuvugishwa n’Imana Samwili aho yari yidyamiye mu mva. Akomeza gucumura ku Mana no gucumuza Ab’Isirayeli kuko yababaza abapfumu akongera akabatwarayo. Bituma naho yisonzesha arira Imana itashobora kwihindukiza, kuko ntiyari yaciye bugufi ngwayambaze ayisabe imbabazi. Ariko Umusavyi w’Uhoraho Samweli, yatinze yitahira, agahamva ba sokuruza agendera imbere y’Uhoraho yitonze, ayumvira kandi agakora mu kuri ic’Imana yamybwira cooose. Vyatumye Imana ibana nawe, ndetse n’umuzimu wiwe uduze uva mumva uza wambaye ubwiza bw’Imana, umwami Sauli aramwunamira akubita inkoro hasi imbere yawo. Nico gituma mwene Data Umwami wacu Yesu Kristo aradutumira kugendera mw’ijambo ryiwe tugororoka, twumvira kandi duciye bugufi, ngwigitinyiro c’Imana n’igikundiro cayo ngo kitubeko, kandi ituragize abamalayika bayo muri vyooose. Yongere ize yibere muri twebwe ibihe bidashira. Tube incuti zayo kandi ituzigame kumpande zose. Imitima yacu ibe iyiyitunganiye vyukuri, nkuko yavuze kuri Natanayeli at’Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ubugunge. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s