Ku musalaba wa Yesu Kristo niho vyose bironkeka. 02.11.2013

Ubutumwa bwo ku wa 02.11.2013.

Ku musalaba wa Yesu Kristo niho vyose bironkeka.

Ijambo ry,Imana riratubwirako Umwami wacu Yesu Kristo yaje kudukiza no kutubohora aho twari tuboshwe. Atumenyesha ukuri ngo tukubemwo. Kandi abariko kudukiza gusa. Nico gituma Imana yacu ishaka ko tugira imitima iciye bugufi, yumvira kand’imenetse kuko ariyo iyihimbara, kandariyo inezereregwa, ikabariyo izodugana mw’ijuru mu bwami bwayo.

Mariko3 : 1-10 &13-15 Umwami wacu Yesu Kristo ntiyaje gusenyura ivyagezwe ariko yaje kutubohora, aradukiza, adukuramwo ivyo twiyumvira canke tuzi  kwarivyo atarivyo, ivyubwenge bwacu (bw’umubiri), ivyo twabayemwo, ivyo twabonye canke twigishijwe mu madini vyatuboha. Araheza atumenyesha ibikwiriye gukogwa, kandi muriwe vyose bironkeke. Luc 4: 16-19 Umwami Imana yaje kutubohora no kuduhumuriza aho twari impumyi mu buryo bw’Impwemu.

Yesu Kristo ari mw’isinagogi akijije umuntu kw’isabato, Abafarisayo baciye basohoka ngo barabe ingene bomufata, kuko ntibibaza igituma yokora ikintu nkico kw’isabato. Arikowe yababajije neza ati Mbeg’ivyemegwa n’ugukora ivyiza kw’isabato canke n’ugukora ibibi? Gukiza umuntu canke kumwica? Kuko bobo ariko babigenza. Nico gituma yaciye yitorera intumwa ziwe 12 zizogenda zishingira intahe Yesu Kristo, zibwira abantu ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana, abaha n’ububasha bwo gusenda abadayimoni.  Petero naho yarumurovyi yarazi neza ingorane n’ibibazo bahora bahurira navyo mu mazi, ariko yabonye Yesu ayagendako yifuza nawe kuyagendako gwasange Yesu ahari. Koko yarayagenzeko, hanyuma haza ibihuhuta atangura kuroka arataka. Ariko kuko yaragiye ku Mwami Yesu yaciye amuhereza ukuboko aramufata ntiyagwayo. Nkukw’ijambo ry’Imana rivuga ngo ntakizodukura mukuboko kwiwe turi muriwe. Naho yarazi ingorane zo mumazi yarashoboye kuyagenderako kuko yari yizeye umuhamagaye ngwamusange ahari.

2 Abami 2: 1-14. Elisa yagumanye na Eliya gushikaho Imana yabatandukanije Eliya aduganywe mw’ijuru. Naho Eliya yaguma amubarira ng’Uhoraho aramutumye none nagume ngaho, ndetse akabimubwira incuro nyinshi. Kandi n’abavugishwa n’Imana batandukanye baramubwira ko bagiye gutandukanywa na Eliya, ariko we kuko yarazi neza icarondera, kandi ntabe ikinebwe canke ngwacike intege ataronse ic’umutima wiwe wifuza, yagumanye nawe muvyo baciyemwo vyose, haba mu vyiza canke mu bibi,  ndetse naho baja hose gushika umukogote wamafarasi y’inzahabu uje mugashururu uvuye mw’ijuru ukabatandukanya, aca yitantamurirako impuzu ziwe azicamwo 2,  agaca afata umutamana wa Eliya akawutwara, ahabw’ingabire nkiza Eliya. Dukureho impwemu y’ubunebwe bwo gusenga, gusoma  n’ukwumva ijambo ry’Imana, ndetse no kumenyera ivyagakiza, hagarara neza ugume munsi y’umusalaba wa Kristo Yesu uhareregwe . Haba muvyiza canke mu bibi vyose bizovamwo kukuzanira ivyiza. Kuko munsi y’umusalaba wa Kristo Yesu harurupfu n’izuka rya Yesu Kristo. Hari amaraso n’izina ryiwe arivyo bidukiza gusa twizeye, uwo Mwami.

Elisa y’umiye kuri Eliya ngo ntagende atabona, ico yasavye aragihabwa. Intumwa n’abandi bigishwa ba Yesu Kristo bagumanye nawe, ndetse anamaze no kuzuka , ababwira ngo bagume kuri wa musozi barahabwa Mpwemu Yera, ndetse bagumayo ntibasohoka, Yesu aduzwa mw’ijuru babona  Mpwemu Yera baramuhabwa abazako. Bakoreshwa nkivyo yakoze nivyo atakoze barabikoreshwa nkuko ijambo ry’Imana rivuga. Nawe rero mwene Data komera muri Yesu, ibigeragezo canke amahigwe urimwo canke wohura navyo, ntihagire ikigukura munsi y’umusalaba wiwe  kuko hari inyishu ikomeye bihebuje muriwe. Ari nawo uzodushikana mw’ijuru. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s