Samedi le 19.10.2013
Kugira imigenderanire myiza n’Imana
Imana yacu irashaka ko tugira imigenderanire myiza nayo kuko twayimenye. Nkuko Yesu Kristo yaje kudukurako ubwansi bwari hagati yacu n’Imana yacu, atugira incuti zayo kubw’umusalaba wiwe, waherahejwe n’urupfu n’izuka ryiwe. Kugirango uzomwizera wese umwami w’isi ntaze amugireko ububasha cank’ubushobozi na gato. Haba muvyaha yokugerageresha canke mundwara no mubigeragezo bitandukanye, vyose Umwami wawe abikuneshereze . S’ukuvuga ngo ntuzogwara canke ntabigeragezo vyogutera, ariko uzobitsinda mw’izina ry’Imana yawe iri kumwe nawe. Ivyak. N’intum. 9: 1-22 Sauli igihe yagenda ahiga abagenda bashingira intahe Umwami wacu Yesu Kristo, yarumwansi w’Imana akomeye, ariko urukundo rw’Imana ruramutabara rumusanga munzira agenda apfuhagira, afitiye imihigo n’ubwicanyi abigishwa b’Umwami wacu Yesu Kristo. Ijwi ry’Imana riramuhamagara rimubwira riti Sauli Sauli umpigira iki? Uwomwanya Sauli arahuma, amubwira ivyo akwiriye gukora. Ariko uwo Mwami yatabaye Sauli, amukuramwo umutima w’ubwicanyi n’ubugome , amwuzuzamwo umutima w’urukundo n’ukwizera Umwami Yesu Kristo. Aca agira imigenderanire nyiza n’Imana, agenda yigisha ivy’ubwami bw’Imana akoreshwa n’Umwami wacu Yesu Kristo, ahereye i Damasiko aho yaragiye guhiga abigishwa ba Yesu Kristo, kuko yarafise imigenderanire myiza n’Imana. Ivyak n’Intum. 27: 33-37. Sauli mugushingira intahe kwiwe ivya Yesu Kristo, yahuye n’ibigeragezo vyinshi. Naho bari bamujanye i Roma kumucira urubanza, ariko we yari yuzuye urukunda rw’Imana n’impuhwe nyinshi kubo bari kumwe bose ndetse n,abamushoreye, ntiyabifurije inabi, ahubwo yabagira inama nziza naho bagomba kumwica. Nico gituma gituma Imana iduhanurira cane ngo tugire imigenderanire myiza cane nayo, tuve munzigo, mw’ishari, ububeshi ndetse n’ibindi vyaha vyose bitujana kure y’Imana ariko tugume mu vyagezwe vyayo, tubikurikize niho tuzoguma murukundo rwayo nayo ikabana natwe.Yohani 14: 21-24 ; Yohani 15: 15 Iratubwira mw’ijambo ryayo itabasha kubesheramwo ko tugumye mu vyagezwe vyayo, Data azodukunda, kandi Data na Yesu Kristo bazoza babe muri twebwe. Ndetse aranatura ati tuzoba abakunzi biwe kuko tuzi ivyashaka. Amen. Itanguriro 39 : 7-21. Hatwigisha ingene Yosefu yari mu masezerano kandi yari yizeye Imana cane, Imana nayo ikamukunda ikiganza ciza c’Imana kibana nawe, bagira imigenderanire myiza cane n’Imana, naho yaciye muri vyinshi ntaco vyamukozeko kukwizera Imana yiwe canke ngo bihindure imigenderanire yiwe n’Imana. Niho Satani yamurungikikira ikigeragezo agicishije muri muka Potifari se buja amubwira ngo baryamane, ariko Yosefu aranka ati nokora icaha gute ngacumura ku Mana yanje. Aravyanka kwica imigenderanire yiwe n’Imana. Imana ikomeza kumuhezagira ikiganza ciza c’Imana kimubako. Nico gituma mwene Data, ukwiye kwibuka ko icaha icarico coooose kigutandukanya n’Imana yawe, imigenderanire myiza yawe nayo igahinduka. Meranka Yosefu murivyo vyaha vyose bikurondera, uti sincumura k’Uhoraho Imana yanje no mukintu na kimwe.Amen Nuko rero niho imigenderanire yawe n’Imana izokwama ihamye, ikiganza ciza cayo kikakubako muri vyoose. Amen.