Gushikanira umwana Imana. 26.10.2013

Gushikanira umwana Imana. 26.10.2013

Imana yaremye abantu mu rukundo rwayo rwinshi. Ibarema mw’ishusho yayo, ndeste ibaha imigisha myinshi yabateguriye kw’isi, Yongera ibabwira ico badakwiriye gukora. Babaho neza cane atakibavuna, ata nkomanzi nimwe. Ariko icaha kirabinjiranabacumura ku Mana Rurema mukudakurikiza ic’Imana yababwiye ariko bakumvira inzoka ije kubahenda. Ico caha kibazanira umuvumo mw’isi. Itang 3: 17-19 ; Yobu 5:7. Mugihe Imana ikuje ab’Isisirayeli ukuboko kwayo gukomeye cane mu gihugu ca Egiputa, Imana yasize amasezerano yayo mu kanwa kumusavyi wayo Mose amabwirizwa n’amategeko yayo ngo ayababwire baje bayitondere, ngo azahore ku mitima yabo, ngo bayigishe n’abana babo, n’abuzukuru, ukurunganwe ruzogenda rukurikirana. Ngo kandi aze yame mu kanwa kabo ibihe vyose. Gusub. Vyag. 11: 1-3 ; Gusub. Vyag.6: 1-7. Imana yatubwiye kuyikundisha umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’ubwenge bwacu bwose n’inkomezi zacu zose, kandi ngo tuvyitondere tubishitse kugirango tumeregwe neza kandi tubone no kuramba. Abana bagirigwa ubuntu n’Imana bakavukira mu miryango ru Kristo, bumva ijambo ry’Imana kandi bakigishwa kuyubaha no kuyizera ndetse no kuyitinya kugirango batayicumurako kuko icaha arico kizana imivumo. Bakabikuriramwo nabo bakazovyigisha abana babo, ukaba ndetse umurage mw’iza. Kuko itegeko riva ku Mana ngo turikurikize, uvyitondeye wese akabishitsa bimugirira ikimazi mu buzima bwiwe, mu ruvyaro gwiwe no mubamukomokako, ndetse no mu buzima bwiwe ru Kristo kuko bimwegereza Imana cane. Zab 37: 23-26 Umusavyi w’Uhoraho Dawidi yarabivuze ati kuva ndi muto none ndashaje sinigeze mbona umugororotsi yahebwe canke uruvyaro rwiwe rusegerereza. Ati agira ubuntu umusi ukira akagurana abandi, uruvyaro rwiwe rukagira umugisha. Mwene Data nawe gerageza Imana ushitse ic’ijambo ryayo rivuga, nayo izogushitsako amasezerano yawe yose. Luka 2: 21-23 Mu misi yisezerano risha, Umwami wacu Yesu Kristo yaje ashigikira ijambo ryi We (Ry,Imana), ndetse arabikora kugirango atubere akarorero ashitse icagezwe c’Imana. Nawe amaze kuvuka, baramushikaniye Imana barihumanuza imisi munani ishize, batanga nikimazi c’ishimwe ku Mana. Nawe kandi abavyeyi baramuzanira abanangwabasengere arabakira arabaterura arabasengera, aranavuga ati reka abana baze kuri jewe kukwabazoja mw’ijuru arabameze batyo.Mariko10: 13-16. Nico gituma nk’abana b’Imana dutegerezwa kubikora kugirango tubashikirize abana bacu Imana. Tubakuzeko umuvumo, tubakuzeko ububasha bwa Satani n’ubwicaha.Bakaba protege mu Mana, akaba uwera w’Uhoraho.  Ariko sico gusa nkabavyeyi bagategerezwa kubera abana babo akarorero mu buzima ruKristo bakigisha n’ijambo ry’Imana abana. Kuko itegeko ry’Imana ribaho kugirango turishitse. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s