Yesu avuga ati mubo wampaye nta númwe najimije

Message du 28.09.2013

Yesu avuga ati mubo wampaye nta númwe najimije

Umwami wacu Yesu Kristo yaje kudukiza icaha, ngo ubugome n’ubugarariji n’ingeso zose umwami w’isi yatwanduje tubivemwo, duheze twambare ukugororoka, tugendane ingeso nziza n’ibikogwa biranga aba Kristo aribo bana b’Imana.

Yohana 18: 4-11 . Igihe Yesu Kristo bari baje kumufata, yabonyabaje kumufata arababwira ati muronderande? Barishura bati Yesu Kristo umunyanazareti, ati ni jewe. Baja baratemba. Niryakabiri ababajije bishura bati Yesu Kristo umunyanazareti. Aca arababwira ati asangwarije murondera mureke aba bigire. Kwarukugirango ivyabavugishwa n’Imana bishike. Umwami Imana yaje kudukiza icaha n’ibigeragezo vyose duhura navyo no kutuzigama muvyo ducamwo vyose.  Kugirango ugumye muri we, akazigama ivyagezwe vyiwe ntaze ntaze azimire na gatoyi. Igihe yaba hano mw’isi yaduteye mw’imbuto ariryo jambo ry’Imana, kugirango turishire kumutima, turigenderemwo, kand’imbuto yadushizemwo zame kandi zigwire cane zigire ikimazi mu bwami bw’Imana. Ariko rero iyo abantu bumva ijambo ry’Imana ntibaryakire neza ngo rishinge imizi muri bo bituma badakizwa vyukuri,  ijambo ry’Imana ngo ribahindure bacike abana b’Imana nyakuri. Luka 8: 4-15. Har’imitima Imana igereranya no kunzira, iyindi no kurutare, iyindi no mumahwa. Iyo mitima yose ntishobora kuzigama neza ijambo ry’Imana, bituma abameze batyo badakura mu gakiza canke ngo bashitse ibango ry’uwabahamagarishije umuhamagaro wera. Kuko bigira umwitwarariko wo mur’ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bwo, bikabanyoha ntibakizwe ngo bame imbuto. Bacumura ku Mana, kuko icaha kibabamwo, ntibumvire iyabahamagaye. Kuko abagize imitima imenetse, ijambo rigategwa m’umutima wakira, utadadaraye, riragwira, rikagira ikimazi kuwaryumvise no kubandi benshi no mungoro y’Imana.  Uba atacaha wibikira m’umutima wawe kizokwicisha canke kikagukwegera ibihano n’igeragezwa. Umuntu ntabe atunganye imbere y’Imana ngwimukize. Daniel 6: 19-22, Daniel yaterewe mugwobo gw’intambwe Imana irungika umumalayika wayo kuzugara iminwa kuko ata caha yabonetseko imbere y’Imana. Abantu benshi bahindukiriye Imana kuko Daniel yamye imbuto nyinshi. Nici Imana idushakako ngo tuve mu vyaha kandi imitima yacu ntibemwo ubugunge, niho nahotwoca mungorane canke mubigeragezo bikomeye, Imana yokwama iri kuruhande gwacu ikadukiza. Amen Zaburi 32 : 1-8.  Nico gituma abizeye bose bakagendera muvyagezwe vy’ukuri atakizobashikura mu kuboko kwa Yesu Kristo. Amen

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s