Menya neza ububasha n’ubushobozi bw’Izina ry’Imana yacu, Umwami wacu Yesu Kristo.

Samedi le 05/10/2013

Menya neza ububasha n’ubushobozi bw’Izina ry’Imana yacu, Umwami wacu Yesu Kristo.

Imana yacu yaduhaye izina ryayo ngo turibemwo, turyizere kandi turikoreshe kuko rifise ububasha bwose ku bintu vyose. Kuko kubizera bose, gushika n’ubu Imana iracarema. Iracahindura amategeko kubizeye. Kandi menya nezako Imana ivugana nawe atari n’uwundi. Itanguriro 28: 13-14. Imana yari yarahaye Amasezerano Aburahamu na Isaka, ariko kuko amasezerano itegerezwa kuyashigikira kandi ikayakomeza, yavuganye na Yakobo umusavyi wayo nkuko yavuganye na se Isak ana sekuru Aburahamu. Ariko nawe nyene yivuganiye nawe. Nawe mwene Data menya ububasha n’ubushobozi bwa Yo kandi umenye nezako ivugana nawe.  Mukumenya ububasha n’ubushobozi bw’izina rya Yesu Kristo, n’urugamba rukorera mu muntu rugizwe n’ibintu 5:

–       Kwizera

–       Kwatura

–       Kwitega

–       Kuvyakira

–       Kubibamwo

Ivyo bimaze kukubamwo, umenya neza iyo Mana yawe ugashikama nayo igashitsa ijambo ryayo nkuko uyemera.  1 Samweli 17 : 31-50    Dawidi yanesheje Goliyati  akoresheje amabuye 5 arivyo bintu bituma umenya ububasha bw’Imana n,ubushobozi bwayo, ariko amwicisha ibuye 1, ariryo kwizera. Naho bamuciye intege cane, mukuruwe akamukankamira  akamwirukana. Umwami Sauli nawe aka muca intege amubwira inkomezi za Goliyati, ariko Dawidi we naho yar’umwana yarazi neza ububasha bw’Uhoraho Imana nyen’Ingabo, Goliyati yariko acokora, azanye inkota n’icumu n’ikobero kugwanya Abisirayeli. Ariko  Dawidi aramubwira ati jewe nje kukugwanya  mw’izina ry’Uhoraho nyen’ingabo zab’Isirayeli.  Dawidi yarazi iyo Mana yamutabaye kenshi intabwe zije kumurirako intama za se, akazitabaguza amaboko ko ataho yagiye ariyo irikumwe nawe nomurugwo rugamba. Nawe rero mwene Data, hagarara mw’Izina ry’Uhoraho nyen’ingabo, ariwe Data w’Umwami wacu Yesu Kristo, ntahabuza uzi neza ubwo bubasha n’ubushobozi bwiwe, uranesha nta kabuza.        1 Abami 18: 21-22 & 30-40 Eliya yagize  igicaniro c’Uhoraho akoresheje amabuye c’umi nabiri nkuko imiryango yabany’Isirayeli ingana, ahamagara Uhoraho Imana ya Aburahamu na Isak ana Yakobo, ari we Mana mu Bisirayeli, ayitakambira ngo imwumvire bose bamenye ko ata yind’Imana iriho mu Bisirayeli, ica irekura umuriro utongora igicaniro cose hasigara umunyota gusa. Ariko ba kamenyi ba Bayali bari 450, bagize igicaniro cabo bahamagara imana yabo, gushika isacenda, bikebagura inyama batakamba cane, ariko nta na 1 cakoretse, kuko arimana zitumva, zitabona kandi zitavuga, atanico zishoboye. None wewe wamenywe n’Imana Rurema ikakugirira n’ubuntu nawe ukayimenya, saba gutahura neza ubwo bushobozi bwayo nizo nkomezi zayo kugirango yame yishingira intahe muri wewe imisi yose uko uyambaje  wizeye.  Muvyo ushobora guhura navyo vyose bikunaniza mu buzima, canke imitwaro yawe, ibigeragezo ushobora guhura navyo canke intumbero y’ubuzima bwawe, n’ibindi, barira Uhoraho Imana y’Abisirayeli ariyo Mana yawe nta na 1 inaniwe kuko vyose bikomoka kuri Yo. Ndetse niyo ishemagiza izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo mugukora ibitangaza mw’izina rya Yesu iyo abasavyi bayo bavyatuye bizeye canke bagasenga bizeye. Ivyakozwe n’Intumwa 3: 3-16. Nta rindi zina na 1 rifise ububasha n’ubushobozi munsi y’ijuru atari rimwe gusa ry’Umwami wacu Yesu Kristo Umwana w’Imana nzima. Rero mwene Data saba gutahura neza, uhagarare neza ntujuragurike na gato, ngutegwe ubwoba na gato muvyushobora guhura navyo mu buzima bwawe kuko Ni MUZIMA kandi yaranesheje nguzomwizera wese aze yame anesha ibuhe vyoose. Amen. Iryo zina niryo rifise ububasha bwose n’ubushobozi mw’ijuru no mw’isi, kubari n’umubiri bose b’ivyaremwe vyose. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s