Gusenga no Kwizera

Samedi le 21.09.2013

Gusenga no Kwizera

Uhoraho aba hafi yabamwambaza kumurango no mw’ijoro. Abatakamba bakama mu masengesho y’ubudasiba, bituma begera Imana na Yo ikabegera, ikumva amasengesho yabo ikabishura. Haramasengesho aguterura akagutereka aho utogeze. Haramasengesho ahindura situation yimibereho y’umuntu, akagukura mu bugurano, akagushitsa kuba Segaba. Yesu yigishije abigishwa biwe abahanura ngo bahore basenga ntibarambigwe. Kandi bakomeze no kwizera ntibacike intege. Luka 18: 1-8

Umwami Yesu Kristo yabigishirije k’umugore w’umupfakazi yagenda gutakambira umucamanza atubaha Imana ntagire n’udusoni  kubantu, ariko akama agenda kumuzigiriza kenshi ati ncira urubanza runkiza umwansi wanje, uwo mucamanza arateba aribwira ati naho ntubaha Imana ngo ngire n’udusoni kubantu, uyu mugore kubera anzigirije ngira ndamucire urubanza rumukiza, ntiyame aza kunzigiriza. Ngo mbega uwo ko yakoze iciza ari mubi, none Imana ntizocira urubanza rukiza abo yatoranije, bayiborogera kumurango no mw’ijoro. Ariko none niyo Umwana w’umuntu ni yaza azosanga ukwizera mw’isi.

Daniyeli 6: 1-27 Daniyeli  yar’umunyagano ndetse umunyamahanga mugihugu yarimwo,  ariko yasenga Imana yiwe gatatu gatatu kumunsi ubudasiba, uko yaguma kubirenge vya Yesu Bituma Umwami amukuza, ubunyagano n’ubunyamahanga bumuvako, amugira umwe muri batatu batowe kuganza abaganwa batowe ndetse akaba aribo basuzuma ivyo batoje bashira Umwami. Ndetse Umwami aramugomwa cane ashaka no kumugira uwo kuganza abo bandi barikumwe nawe. Ariko bamugirira ishari ryinshi cane barondera ivyo bomurega ku mwami, ariko babura na kimwe kuko yari umuntu agororokera Imana ndetse atiyanduza ku kintu na 1 no kubantu. Bamaze kubibura barondera no muvyagezwe vy’Imana yiwe navyo, hose barabura ikirego na 1. Niho baca bagira imigabo mibi yo kumwicisha bagashiraho icagezwe c’umwami, hakoranye abaganwa, abacamanza n’abakuru bose b’ibihugu n’ivyegera vyabo, ngo ico cagezwe umwami agishireko ikidodo, uzokirenga aze yicwe. «Ngo ntihagire Imana nimwe basaba mumisi 30 atar’umwami wenyene».

Daniel amaze kuvyumva ahubwo amanuka iwe  muri cacumba yasengeramwo gifise idirisha ritumbereye i Yerusalemu, akomeza gusenga Imana gatatu gatatu kumunsi, asenga Imana yiwe ayikengurukira. Bagiye kumuraba basanga ahubwo arakobeje cane gusenga Imana yiwe ayinginga. Babishikirije umwami abura ingene amukiza naho yagomba kumukiza amusizeko umutima cane, ariko icageze yasinye caramutsinda ubwiwe, agera ko bamuterera mugwobo rw’intambwe, aramubwira ati Daniel Imana yawe ukorera ishobora kugukiza. Daniel Imana yiwe yarikumwe nawe, yugara iminwa y’intambwe zicika abagenzi ba Daniel biryamira hamwe ijoro ryose. Ariko kubw’umwana w’Imana yarikubirenge vya Yesu asenga kandi agahogwa ubusa, Imana yiwe ibuza itiro umwamu, ntanokurya canke kunywa, ahubwo kuko Imana ya Daniel yamubujije amahoro. Azindukira kumuhamagara amubaza kw’Imana yiwe yamukijije, aramwitaba: « aterega ntacaha Imana yambonyeko kandi nawe Mwami ntakibi nagukoreye». Aca agera ko bamwe baza kumwagiriza aribo bateregwa muri gwarwobo nababo bose abagore n’abana. Zibasamira mukirere zitantamura n’amagufa yabo. Umwami aca atangaza amahoro, aca ashiraho n’itegeko ko mw’isi yose bose basenga Imana ya Daniel ariyo Mana nzima,  irokora, igakiza, izohora ihangamye ibihe bidashira. Nawe mwene Data reka babure ico bakurega mu vyaha bitandukanye bikunda kwizingira ku bantu, ahubwo ukomeze gusenga no kwinginga wizeye Imana. Abacamanza 6: 12-18 Gidiyoni yariko asekura ingano mu kuzimu, asenga yinginga Imana, kubwo gusenga cane no kwinginga bituma Imana imutumako umumarayika wayo kumubwira k’Uhoraho arikumwe nawe kandi kwimutoranije gutabara abisirayeli. We yibonamwo ubuto, ukwumuryango wabo ari muto mumiryango y’abisirayeli ndetse no munzu kwa se, ariko uhoraho yaraba umutima, ndetse nayo masengesho bituma amuduza amushitsa aho atokwiyumviriye ko yokageze mubuzima. Vyamutumye bimugora kwemera no kwakira asaba ibimenyetso Imana. Ariko koko amasengesho atwegereza Imana akugurura imiryango y’imigisha, no gutabagwa kwacu ndetse nabacu n’isi yose.

Luka 1: 6-20 Zakaliya na Elisabeth bakorera Imana mu rushengero ndetse bayigororokeye. Ntamwana bari bafise ariko bakiri bato bari barasenze Imana cane ngo ibahe ikibondo. Igihe kimwe Zakariya ari mwihema kugicaniro, umumalayika aramwiyereka amubwira ngo ntatinye kukwivyo yasavye vyumviswe Elisabeti agiye kumuvyarira Umwana w’umuhungu. Kuko Zakariya yari yasenze kera , kandi baza bashaje, ntiyashoboye kwemera ko bishoboka, nico gituma umumalayika yaciye amubwira atuzogobwa ururimi gushika umwana avutse. Mwene Data amasengesho yacu ntabora kandi ntiyibagiranwa, komeza winginge kandi wizere kuko iyasezeranye niyo kwizegwa no kubikora izobikora. Senga ubudahumeka ushima kandi winginga, Imana niyo kwizegwa izogushikiriza ivyo wasavye igihe cayo kigeze, nturambigwe kandi ntucike intege, iyeze kandi uyinginge n’Imana icizira nukubesha no kuyaga amasigara cicaro.  Ntuharure imisi, amazi n’ inyaka yo ikorera kugihe cayo. Komeza kuyizera cane. Amen Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s