Kwumvira Imana no kuyikorera bikomeza amasezerano yacu n’Imana. 07.09.2013

Samedi du 07/09/2013

Kwumvira Imana no kuyikorera bikomeza amasezerano yacu n’Imana.

 

Iy’umuntuyubaha Imana kubw’agakiza yaduhaye, ukaba uzi ko Yesu Kristo yagutabaye akagukiza icaha, indwara n,ibindi vyinshi, ibisigaye nuko nawe wifatanya na We mukugendana na Kristo Yesu.Ugacisha umutima wawe bugufi, ukamwumvira, ugacuruza italanto yaguhaye irizo ngabire Imana itanga. Kandi uko witanga mukuyikorera no mukuyumvira, bituma unezereza umutima w’Imana igakomeza amasezerano nawe. Ikugurura amarembo y’imigisha yawe n’abana bawe. Matayo 25: 14-29. Abantu 3basigaramywe italanto na sebuja, babiri baragenda barazicuruza barunguka ibingana nivyo bahawe, sebuja arabanezeregwa cane, arabashimira cane, abona kwarabizigigwa, ko bizigiwe kuri bike bazoba n’abizigigwa kuri vyinshi, abinjiza mu munezero wiwe. Ariko utacuruje ico yabikijwe yatswe nivyo yarafise. Mwene Data kora uronko umunezero wa Data ndetse ube umwizigigwa ku Mwami wacu Yesu Kristo yatubambiwe. Reka amazina yacu yanditswe mw’ijuru handikwimbere yayo ibikogwa vyiza dukora kugirango dusharize amadu tuzobamwo ubuziraherezo.

Kandiyo dukorera Imana hari protection ya Yo kubayikorera. Luka7: 36-48 Uwo mugore w’umunyavyaha yasize amavuta ku birenge vya Yesu n’umutima wiwe wose, amwubashe kandaciye bugufi cane, yerekanye icubahiro c’Imana yacu, afise umutima wo kwihana ububi bwiwe naho ata majambo yavuze, ariko ibikogwa vyiwe vyaravuze, Umwami Yesu aramunezereregwa cane, aramubwira ati genda ivyaha vyawe birahariwe. None mwene Data haruburyo bwinshi bwo gusenga ndetse no kwihana no kwinginga Imana, kora numutima w’urukundo utiyerekana uzira akanenge, imbabazi z’Imana ziri kumwe nawe. Dusabe Imana iduhe kumenya ivyo dukwiriye gukora kugirango relation zacu n’Imana zibe nziza.        Itangur. 27: 11-29 Yakobo yarumwanaatekereza yama mu mahema , agakora, agafasha abavyeyi,  bituma umuvyeyi wiwe amukunda kuko yarumunyabikogwa yamuba hagufi, ariko Esau nawe yarumuhigi w’umunyeshamba, ndetse yatakaje kuba samuragwa kubw’isahani 1 y’ibiharage. Ariko yakobo aronka imigisha abariwe amasezerano ya Aburahamu na Isaka akomezanya nawe. Itangur. 28: 10-15 Yakobo bwamwiriyeko, adyama kunzira yisegura ibuye, ariko kuko yari yizeye Imana kandi yari ahagaze neza muriyo, yaciye iza ivugana nawe, ikomeza amasezerano yayo nawe ko muri we no muruvyaro gwiye ariho imiryango yose izoherwa umugisha. Naho woca mu bihe bikomeye nka yakobo yiseguye ibuye, menya neza ahori hose ko Yesu Kristo ari kumwe nawe, ntugire ubwoba ngo bugutere gukora icaha ahubwo umwiseguze kandi umurangamize, nawe arakugirira neza, aragutabara, kumwiseguza bikubera inyishu muvyurimwo vyose. Amen . Wewe utamwakira Kristo Yesu mwakire kuko niwe nyishu mubuzima bwacu bwose. Nawe wamaze kumumenya ntumwicarike ngo Satani atakwiba imigisha yawe kuko irarondegwa. Kandi no mw’ijuru bizodutangayo. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s