Yesu Kristo yaje kudukurako urupfu aduha ubugingo budashira. 31.08.2013

Ubutumwa 31 /08/2013

Yesu Kristo yaje kudukurako urupfu aduha ubugingo budashira.

Iyo umaze kwemera Umwami Yesu Kristo, ukamubamwo nawe akakubamwo, urupfu ntabubasha ruba rukigufiseko. Kuko uri muri wewe yarapfuye arazuka, urupfu aruhindura ubusa ku bamwizeye. Yanesheje Satani, amwugaranira ikuzimu, azukana ubugingo budashira ku bamwizeye bose. Kuko kera twarabansi b’Imana, ariko Kristu Yesu yaje kutwuzuza n’Imana Data wa Twese ku bw’urupfu rwiwe. Atuzanira ubutumwa bw’ukwizera, buzanira uwizera wese agakiza kadushikana kukugororokera Imana, tukabwshwaho nabwo.   Abaroma 6: 1-11 Twebwe abamaze gupfa ku caha ntidukwiriye kukigumamwo. Kuko twamaze kubatiawa tuba mu rupfu rwiwe, none ubu tugendana ubugingo busha. Kuko twakoranijwe na we n’igishushanyo c’urupfu rwiwe tuzokoranywa nawe n’icukuzuka kwiwe naco. Umuntu wacu wa kera yabambanywe nawe, kugirango umubiri w’icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha. Nimba twapfanye na Kristo Yesu akadukuramwo ivyaha vyari vyaratuboshe bitandukanye, twiyubare kugirango ntihagire ubwahabwaha butwihishamwo kandi turabageni ba Kristo Yesu. Ngo Umwami yarantabaye arankiza: ubusambanyi, akaboregwe, ubwicanyi, ubusuma n’ibindi vyaha bikomeye vyabonekera amaso yabantu, ariko mwene Data ugasanga watewe n’ivyaha vy’ishari, inzigo, ubwibone, kugayana, kutumvira n’ibindi bitabonekera amaso y’abantu. Mwene Data uba wibikiye urupfu kuri wewe, amasasu azorasa wewe nyene ubwawe. Aho kuvyiyambura navyo ukagendana ukwidegemvya Umwami Imana yatuzaniye.Ivyak n’Int 13:30-40 Kuko muri we Niho duharirigwa ivyaha, kandi yaje kudukiza ngo tuvavanure n’ivyo Imana yanka ntitugume tujakariye ivyaha, ahubwo tubeshweho na We. Yohani 6: 39-40 &53-57. Kandi niyo twaba muri we, azotuzura kumusi w’iherezo. Nico gituma twebwe abari muriwe, yadusigiye isezerano risha ryo mu maraso yiwe, turya kandi tunywa umubiri wiwe n’amaraso yiwe,tuba muri we nawe akaguma muri twebwe. Ivyakoz. N’Intum. 28: 1-6. Intumwa Y’Imana Paulo yarakiriye Umwami yesu muvyukuri no mukogororoka, yagenda amushingira intahe hose, kandi muri booose, mubikomeye no mubutame bwinshi, ariko Yesu Kristo yabana nawe muvyo yacamwo vyose, akabimukiza vyose. Nico gituma n’ubumara bwizoka ataco bwashobora kumukoza kuko mumubiri wiwe no mu maraso yiwe harimwo aya Kristo Yesu ariwe azimya ubumara bwose duhura nabwo muri y’isi mbi. Nuko rero mwene Data mufate, uce bugufi, unywe amaraso yiwe, urye n’umubiri wiwe, wiyambure icaha kigutera ubumara muri wewe, ariko wambare Kristo Yesu akubemwo nawe umubemwo azogutsindanishiriza ubwo bumara bwose utegwa nawa mugwanizi, kandi nikibirengeye umusi azoza gutora abiwe, azokuzura kumusi wiherezo. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s