Urukundo rw’Imana rukomeza abana bayo ndetse rukanazigama abatayizi. 24.08.2013

Ubutumwa bwo ku wa 24/08/2013

Urukundo rw’Imana rukomeza abana bayo ndetse rukanazigama abatayizi.

Kubw’urukundo Imana yacu ikunda abo yaremye mw’ishusho yayo, yirimbura igihe cose kuvyo ibagirira. Ntidukorera ibihwanye nivyo twakoze canke n’ivyo dukora. Abacunguwe n’Umwami Yesu Kristo, arabahindura akabagira abakundwa na Yo, ikagendana nabo ndetse ikanabihishurira mubigira bibe canke bizoba, kugirango ikomeze kwerekana ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo kubayumvira. Abantu bakunda kwemera no guh’icubahiro ivyo babonesha amaso yabo, ariko kukw’Imana yacu itagenda yibonekeza mu vy’amaso y’abantu bigatuma abantu bemera kandi bakizera ivyobabona gusa. Ivyak n’Intum. 27: 9-44 Umusavyi w’Imana Paul yahuye na Kristo Yesu aramuhindura, amugira igikoresho ciwe kizima, ndetse amwuzuza inkomezi muvyagendaracamwo vyose kubwizina ryiwe. Amuha urukundo rwo gukunda abantu bose ndetse nabo bagendana bamushorereye gucibw’urubanza ndetse bakanashaka no kumwica bonyene ubwabo, ariko we yagenda ahishurigwa n’Imana yiwe imutumako Umumalayika wayo ngo avugane nawe, ntivyabuzako ababurira kuco Imana imutumyeko naho umukuru w’ingabo 100 zishoreye Paul n’izindi mbohe , we yumvira nyene ubwato be n’ubutumbereza. Ariko ijambo rivuye ku Mana ntiyarishirako umutima na gatoyi. Ariko rwa rukundo rw’Imana itadukorera ibikwiranye nivyo dukora, yarabazigamye, ndetse ikomeza kubaburira ibigira bibe, sico gusa inabasezeranirako muri bo at ana gashatsi kamwe kazobaharako. Kandi yongera irabishitsa, bose nta nakimwe babaye mu bwato bwamaze igihe kinini cane buri mwirinde ry’imipfunda myishi kandi ikomeye yibiyaga. Umwami wacu Yesu Kristo, yarerekanye kandi ariko biri ko igendana n’abana bayo, ikadushoboza muvyo dushobora gucamwo vyoose, naho vyoba bikomeye gute kubwabana b’abantu. Ariko tumufashe ntitudohoke kw’ibanga ry’agakiza yaduhaye, kandi nkuko Paul yavuze tukanamwizera cane, tukemera kwikorera umusalaba ngo tumukurikire. Aradukiza kandakadukizanya nabo turi kumwe nkuko yabikoreye Paul murubwo bwato.

Ivyak.n’Intum.4:7-12Petero yavugishwa Mpwemu Yera ashize amanga kuko yaraziko intahe ashingira Yesu Kristu ariyukuri. Yesu nawe aba muri we akamukoresha ibikomeye kandi akanamushoboza no kwihanganira ivyayo yagendaracamwo vyose ashingira intahe Umwami wacu Yesu. Kwariwe ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri We. Kandi kwariwe  yahawe ububasha bwose mwijuri no mw’isi. Matayo 28:18. Ikintu kiguma ciyerekana kurizo ntumwa za Kristo nuko bose bari bafise umutima nkuwari muri Kristo Yesu: umutimaw’ Urukundo, imbabazi, kutihora, kutagira inzigo n’ishari vyabariko barabahama n,ibindi….Natwe nk’abana b’Imana dugambiriye kuja mw’ijuru nikw’Imana yacu idushaka. Kuko abameze batyo Imana igendana nabo kandi ikanabacamwo kugirango ikize n’abandi benshi batarayimenya. Nuko rero mwene Data reka tubere urumuri abana b’abantu kugirango kubwa jewe nawe n’abandi batoranijwe na Kristo Yesu, tubere urumuri n’ivyitegererezo vyiza abataramenya ibanga ryagakiza kabonegwa muri Kristo Yesu. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s