Ubutumwa bwo ku wa 10/08/2013
Ukugaruka k’Umwami wacu Yesu Kristo.
Imana yacu irashaka ko tumenya neza ubuzima ru Kristo twahawe ndetse niherezo ryavyo ku mu Kristo wese. Menya icurico Yesu ataraza nicuzoba Yesu amaze kuza. Ivyahishuriwe Yohana 18:4; 1 Ab’Itesalonike 4: 16 ; Luka 21: 8-11. Har’umuhamagaro w’umu Kristo n’Imana yaguhamagaye. Kandi igikuru s’intango yihamagagwa ryawe, ahubwo igikomeye n’ugushika mw’ijuru. Nimba twarahamagawe twahamagariwe kuzoshika mw’ijuru.
Igaruka rya Yesu Kristo rizoba mu mice 2:
Ivyah. Yoh. 18:4. Abantu ba mbere azogarukira n’abazoba bakiriye Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wabo. Hazoca haba inyaka 7 Satani azoba atwara isi; ariko abakiriye Yesu Kristo bazoba baduganye nawe, ivyago bizoba ntibazobibamwo. Ariko azoba arabashikamye vyukuri. Nico gituma dukwiriye kwizera Imana tukiri mu buntu bw,Imana kuko ico gihe nta buntu buzoba bukiriho.
- Yesu azogaragara ku bicu aje gutora abitwa kw’arabiwe bahagaze neza vyukuri.
- Abapfuye muri Kristo bizeye Umwami Yesu Kristo bazozugwa, bahinduke basha base na We. Hazoba transformation totale kubariho n’abapfuye bizeye Kristo.
- Hazobaho imyaka 7 Satani aganza isi, anti kristo ariwe azoba akora. Abazoba basigaye mw’isi ntakizoba kibatabara kuko ubuntu bw’Imana ntabwo bazoba bakigirigwa. Ivyah. Yohana 11: 2-3 ; Ivyah. Yohana 13: 5-7
- Abaduganye na Kristo bazogumana na We, kandi ibikogwa, kandi ibikogwa bizikwishugwa. Ibikogwa nivyo bizo determina impembo y’umu kristo wese mw’ijuru. Yesu azoba ariko y’evalua ibikogwa vy’aba Kristo mw’ijuru muriyo myaka 7. Ivyah. Yoh. 19:9
- Urupfu rwa 2 ntiruzogira ububasha ku mugeni wa Kristo.
- Abujujwe na Kristo ntibazobona ayo makuba, ntazobashikako.
Igice ca 2: kizokwerekanwa n’intambara ya hermagedone. Izoba imyaka 1.000 (hermagedone). Satani azokoranya ingabo ziwe kugirango bagwanye Yesu Kristo ariko araza n’ingabo ziwe. Ariko naho Satani amuzi, azogwana ariko Yesu Kristo azomuneshesha umuriro wo mukanwa kiwe. Yesu amaze kunesha azoganzanya n’abiwe. Umwami wacu Yesu Kristo yaranesheje kandi azokwama anesha. Amen Uyu musi umuntu wese agwana na hermagedoni yiwe mukuronka ibitangaza vyiwe, muntambara acamwo, ariko ugakomeza kumwizera nawe akaza akakuneshereza muri vyoose. Mwene Data hagarara neza muri Yesu, guma mu nkomezi ziwe, ugendere muvyagezwe vyiwe mugukora ic’Ijambo ry’Imana rivuga. Uhagarare neza, wiyubare mu gakiza wahawe. Nawe ntazobura kukwambika impuzu y’ubugeni ukadugana nawe. Nawe mugenzi utarahitamwo, hitamwo neza kuko igihe kiri hafi ntaze agusige, kuko turi mu myaka y’ubuntu bw’Imana. Amen.