Shira ukwizera kwawe ahantu hukuri. 17.08.2013

                                          Ubutumwa bwa le 17.08.2013

 Shira ukwizera kwawe ahantu hukuri.

Ukwizera nikwo gutanga balance mu gakiza. Abantu bakunda gushira ukwizera kwabo mu bitagira ikimazi , ndetse bakanabura. Benshi bagushira ku mafaranga canke mu bantu. Ariko mukundwa w’Imana menya neza kwiyo ushize ukwizera kwawe muri Kristo Yesu ntushobora kuzomaramara. Luka 5: 4-11 ; Matayo 8: 23-27 ; Abahebur. 11: 1-3

Petero yashize ukwizera kwiwe kwose kuco Yesu Kristo avuze,  kuko yaravuze ati twakesheje ijoro ryose turoba, ariko ntaco twaronse namba. Atariko kubwijambo ryawe ndaterera urusenga, ndabikora. Aho baja kuroba ni hamwe nyene bari baburiye, ariko yizeye Yesu Kristo n’ijambo ryiwe, baroba amafi menshi caane buzuza ubwato bwiwe n’ubwa bagenziwe. Iyo wizeye, menya neza udakekeranya ngo ntibizoba ivyo wizigiye, kuko nico catumye aba kera bahabwa imigisha. Mu bitangaza vyawe nawe ufisemwo uruhara, nkuko Petero ariwe yatereye urusenga mu bwato.

Gukurikira Imana s’ubu fana, ariko harimwo ibintu 3: -Ubushaka,- gufata ingingo, – gukora ( volonte, decision et agir). Ico wizeye gifise aho kigarukira ariko Yesu We ntawumukuraho. Rero twebwe aba Kristo dufita comprehension spirituel, bimwe ab’isi badafise, natwe bukaba nk’ubusazi muri Yesu. Ibidashobokera abana b’abantu Yesu Kristo arabikora.

Hari ibintu 5 Satani akoreramwo kugirango anyage ibitangaza abantu, ukwizera kwabo ntigushikame:

  1. Besion zawe, irazikoreramwo cane igateza abantu guhababuka canke gukomeza cane ivyifuzo vyabo ikabereka ko ndetse bigoye canke bidashoboka, abantu bakiheba ndetse n’ibindi.
  2. Memoire ( ivyigeze kuba, igakoresha kahise kawe).
  3. Conscience : Ituma umuntu akora icatarakwiriye gukora.
  4. Ibibazo critique: Umuntu agashira filosofi yiwe mu Mana. Sagesse y’ishuri ntikwiye itarimwo Imana kuko ikuzanira logique. Reka tunyegere mu Mana ng’ubwenge bwacu bunyegere mu bw’Imana.
  5. integenke zawe. Satani azintegenke z,abantu kugirango azibire imigisha yabo.

#Kwubaka ukwizera mu bugingo bwacu, kuko ukwizera gukuraho les limites humaine. Ukagira kwemera udakekeranya kw’Imana yacu ishoboye vyose, kandukamenya neza kom u bitangaza vyawe nawe nyene ufisemwo uruhara. Kandi iyo wizeye Kristo utegerezwa ku gerant ivyiyumviro vyawe.

Haribintu 4 bituma abantu baneshwa:

  1. 1.     Voix Sinicale : iryo jwi rifata minenegwe ubushobozi bw’Imana.
  2. 2.     Voix rationel: iryo jwi rituma wiyumvira nk’umwana w’umuntu, ugashiramwo am arealite mu bintu vy’Imana nomukwizera kwawe, bigatuma Imana nayo ikurindira ngushire ukwizera kwawe muri Yo gusa.
  3. 3.     Pensees negatives:  Bituma abantu bahusha imigisha yabo, ariko iy’umuntu yiyumvira positivement, nahwabandi bokwiyumvirira nabi canke kakakwiyumvira nabi, ntibashobora kuku bloquera imigisha Imana yaguteguriye.
  4. 4.     Gushaka gukoresha experience cyangwa ubumenyi bwumwana wúmuntu. Iyo Imana igiye gukora ntabwo ireba ubwenge bwábana b´abantu ahubwo ikora k´Imana. Niyo mpamnvu ari vyiza kugira ubwo bumenyi ariko hejuru y´abwo hari Imana isumba vyose.

Mwene Data wumva, raba murivyo vyose ikikugora, saba Imana yawe igushoboze gushira ukwizera kwawe mu Mana, vyose bizogenda neza. Ni Yo izibiza ingunza n’ikiyaga gisuriranya, amazi agaceceka. Petero ntiyabwiye Yesu Kristo ati wewe urumwana w’umubaji ntavyukuroba uzi, jewe ndabikozemwo imyaka myinshi ariko twabuze, none wewe uzute ko turonka amafi. Ariko yavuze ati kubwijambo ryawe ndabikora. Hanyuma birakoreka kuko yashize ukwizera kwiwe muri Yesu Kristo. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s