Turubwoko butavumika: Ntakizodushikura mu kuboko kw’Imana.

Ubutumwa bwo ku wa 27.07.2013

Turubwoko butavumika: Ntakizodushikura mu kuboko kw’Imana.

Umwami wacu Yesu Kristo yaje kutubera inkinzo, yikorera ivyaha vyacu vyose n’imivumo yacu yoose. Aduhindura ihanga rikomeye kandi ritavumika, ngumwizera wese ntihagire ikizomukura mu kuboko kwiwe. Yohana 10: 25-30. Umwami wacu Yesu Kristo yararushe ngo twebwe tubeho neza twidegemvya muri We, arakengereka ngo twebwe aduhe gutegeka kandi dufise ububasha bwose bwoguhindura ibizananye ibizananye inzira zose zitandukanye biva kuri Satani, ndetse niyo biturutse. Guharura 23: 1-24. Igihe abany’Isirayeli bavuye muri Egiputa Umwami Balaki yahamagaye Umuvugishwa n’Imana kuvuma ubwoko bwabany’Isirayeli kuko yabatinya, akabazi ko uwo mukozi w’Imana uwo avumye avumika, ariko Balamu yategeka Balaki kushinga ibicaniro nokuzana ibimazi vyogutangirako, ariko agakora ic’Imana imubwiye gukora, kuko ryah’Ihanga ry’Imana, Balamu aho kubavuma yarabahezagira, Ati novuma nte ab’Imana itavumye, Ati nokwirabira akaranga nte ab’Imana itirabiye akaranga. Ati raba nabariwe kubahezagira na yo yarabahezagiye nanje sinshobora kubihindura. Mwene Data hagarara neza mugakiza Imana yaguhaye kandi ukomere cane ku Mana yawe nayo Izogushikiriza ivyo yakuvuzeko kuko Imana s’umwana w’umuntu ngo ibeshe, ivyo yavuze mumasezerano yayo izobishitsa. Ntakizodukura mukuboko kwayo kandi nta cago kizogira ico kitugira iyo turi muriyo mu vyukuri. Ikidutandukanya n’Imana nivyaha vyacu gusa. Yesaya 59: 2.Igituma aba Kristo bavunika nuko bativangura.Abagiye mu rushengero bagahura na Yesu Kristo vyukuri bamugumako badakekeranya kuko bazi ububasha n’ubushobozi afise. Ariko abagiye mu rushengero bagahura nivyamadini, bavunika ningoga ndetse ntibamenya ububasha n’ubushobozi buri mu Mana yacu nyakuri, ndeste ihinduka n’ukwizera ntibironka ikibanza muribo. Nivyo bituma ndetse basenga n’ibigigwamana mugukora ivyaha bitandukanye kandi bibaza ko bari mukuri, bikamabaza Umwami Imana yacu.  Ariko ababaye abahizi mukwizera: Daniel 3:16-28, Shaduraka, Meshaki na Abedunego barageragejwe  bikomeye ngo bunamire igishushanyo c’inzahabu umwami Nebukadineza yashinze ngo bose abe arico basenga. Ariko abo basavyi b’Imana isumba vyose ntaho bigeze bacunamira, babashizeko igitugu cane ndetse umwami arabihamagarira , kuko yiyita agahambaye, ababwira ati mbega Imana yoshobora kubakiza mukuboko kwanje niyihe?  Ariko bene Data baramwishuye badatinya kuko bari bazi neza Imana yabo, bati ntaco turinda kukwishura kuriryo jambo, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza muriryo tanure ry’umuriro, ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi ko tudashobora gusaba imana zawe, canke ngo twunamire igishushanyo c’inzahabu wahagaritse. Musavyi w’Imana nzima, menya ko ab’umwami yageze kubatererayo nibo bapfuye, ariko abo basavyi b’Imana isumba Vyose Ibasangayo irabakiza itanure ry’umuriro ugurumana. Amategeko yose arahindugwa, umwami ashiraho itegeko ko mugihugu cooose utazosenga Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azahimbagugwe. Ngo kuko ata yindi mana iriho ishobora gutabara ben’ubu buryo.AmenMwene Data yifate vyukuri, nawe utarayimenya mwakire Umwami Yesu nawe arakugirira neza.Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s