Amasezerano y’Imana atera ivyizigiro. 03.08.2013

Ubutumwa bwo kuwa 03.08.2013

Amasezerano y’Imana atera ivyizigiro. 

Imana yacu n’Imana y’amasezerano. Yuzuye urukundo rwinshi n’imbabazi nyinshi. Ishitsa amasezerano yayo kubayumvira bakagendera  munzira zayo. Kandiyo turi mu masezerano hashobora kuba ukugeragezwa gukomeye, ariko ivyo vyose ntibihindura ic’Imana yadusezeraniye. Umenya neza ico wavuganye n’Imana yawe, ugahagarara munkomezi zayo muvyuhura navyo, kuko itazi kubesha iragutabara ikagushitsako amasezerano yayo yoose. Itanguriro22: 5-18. Umusavyi w’Uhoraho Aburahamu yubaha Imana kandi yarayizeye bikomeye, bigatuma adatinya canke ngwahigimange mu kintu na 1 imubwiye kuko yarazi ko mu Mana hose ihacisha inyishu yamasezerano. Ayo masezerano amutera ivyizigiro bikomeye, nico catunye ata mpari zagiyemwo kugirango yumvire Imana imubwiye kugenda gushikana Isaka kugicaniro. Ukwizera kwiwe nikwo kwatuma agenda yatura ko BAGIYE GUSENGA N’A Isaka wiwe, kandi kw’Ikimazi co kwoswa Imana ariyo ija kucironkera. Yabivuze adakekeranya, kandi bashitseyo bahejeje kugira igicaniro ntiyaretse gufata Isaka akamuboha akamurambika hejuru kugicaniro, kuko yarazi neza kono kumunota wa nyumaImana ikora kandi ndetse yizeye Imana kwishobora kuzura n’uwapfuye. Nico gituma Umumalayika w’Uhoraho yaciye amusangaho ati noneho menye ko wubaha Imana, kukutamwimye Umwana wawe kandar’ikinege. Agaca amuha impfizi y’intama Imana yamuteguriyeko ikimazi atanga mu kibanza ca Isaka umwana wiwe, nkuko Abrahamu yari yavyatuye n’akanwa kiwe. Imana iradusaba ko twizera ndetse tukanatura. Itang. 37:4-11. Imana yavuganiye na Yosefu mu nzozi incuro 2, imwereka ko izomuha ubutwari bukomeye, ariko abibwiye bene se n’abavyeyi biwe, bene se bamugirira ishari ryinshi bifuza no kumwica. Yaciye mu bigeragezo bikomeye inyuma yaho bene se bamudandarije ku bany’Egiputa. Ariko kuko Yosefu yari yizeye Imana kandiko yarazi neza adakekeranya ko iy’Imana yavuze ishitsa amasezerano, bimudugiriza ivyizigiro mumutima wiwe, bituma atiyandurisha ikintu na 1 mu banyamahanga yadandajwemwo, ahagarara ku Mana yiwe. Yaciye mubigeragezo bikomeye cane, ariko Imana yiwe ntiyamuhevye, ahubwo vyatumye ikomeza amasezerano yayo kuri Yosefu, iramuduza imugira 1 ministere muri Egiputa, imuha ubutwari yamusezeraniye, bene se n,abavyeyi biwe baragenda kumwunamira nkuko Imana yabivuze vyose. Ivyak n’int 26: 6-18. Umukozi w’Imana Paul yaciye mubigeragezo bikomeye aregwa imbere yabami n’abakomeye bashaka kumwica,kuko agenda ashingira intahe Umwami wacu Yesu Kristo nabo batagomba kumwumva, ariko kuko yarafise amasezerano, ntaco bamukojeje kuko Yesu yagenda abamukiza igihe cose kuko yari kumwe nawe.Agenda akorera Imana mubikomeye kandi Imana ikagenda imukiza. Abaheb. 12: 2 &14-17. Dutumbere Yesu wenyene kuko ariwe nyanduruko yo kwizera kandi niwe yagusozereye. Dukureho ukutumvira Imana kudutuma dukora ivyaha bidutandukanya n’Imana yacu, ahubwo dukundishe Imana umutima wacu wose n’ubugingo bwacu bwose. Ariho nayo ica yishingishiriza intahe mu bayubaha bagakora ivyo ishaka bagatandukana nikibi. Mukundwa w’Imana wumva fata Yesu nawe arakugirira neza, nturabe uburemere bwivy’uriko uracamwo, ahubwo komeza ukwizera Umwami wawe Yesu Kristo kuko ntawamwizeye yakozwe n’isoni. N’Imana ico izira nukubesha. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s