Ducishe bugufi imitima yacu twuzure kandi dukoreshwe na Mpwemu Yera 13.07.07

Ducishe bugufi imitima yacu twuzure kandi dukoreshwe na Mpwemu Yera 13.07.07

 

Yohani 9:24-41 Abafarisayo bari buzuye ukutizera nibihari baharira kugitangaza Yesu yari yakoze mu gukiza uwavutse ar´impumyi. Ukudaca bugufi kwabo ngo bemere ububasha bw´Imana niko  kwabatsindishirije.

 

Ukwishira hejuru nubwenge bwumubiri bwabatuma kugwanya ijambo ry´Imana.

Iyo umuntu adasenga ngo Mpwemu w´Imana amutahuze ivya Mpwemu aba ari impumyi ariko bobo nta gucabugufi ngo babaze bari bafise kandi nibashaka no kwakira. Umurongo wa 41 Yesu arababwira ati iyo muba muri impumyi nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti ”turabona” icaha cyanyu camaho.

Yesu aratwigisha gucabugufi kugira imitima yakira kandi ikizera ijambo ry´Imana kugira ibihari nugupinga nicaha mu maso y´Imana.

 

Yakobo 3:13 Hatwigisha itandukanizo ry´ubwenge bwo mwisi n´ubwenge bwo mwijuru. Yesu adusaba kugira ubwenge bwo mwijuru, buratunganye, n´ubwamahoro, burengenga, bukunda kugirigwa inama, bguzuye imbabazi n´imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.

 

Abaroma 8:3-8 Hatwigisha kwisunga umwami Yesu niwe Imana yatanze ngo atubere ikimazi c´icaha ngo atsindishe icaha kiba mu mibiri yacu kugira ngo ivyagezwe bishikanwe muri twebwe, tutagenda mu buryo bga kameremere kacu, ariko tugende muri Mpwemu.

 

Yakobo 4: 8-10 Ijambo ry´Imana ritwigisha gucabugufi, tugasenga twinginga Imana tukiyeza nimitima nayo ikadushira hejuru. Amen

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s