Ni Twemere duce mu bugaragwa kuko hirya y’ubugaragwa hari ivyiza Imana iba iduteguriye. ( Gusubira mu vyagezwe8: 7-10) 30.06.2013

Ni Twemere duce mu bugaragwa kuko hirya y’ubugaragwa hari ivyiza Imana iba iduteguriye. ( Gusubira mu vyagezwe8: 7-10)
    Igihe abanyisirayeri bari muri Egiputa baririye Imana kubw’ibikorwa vyo mu buja barimwo. Ugutaka kwabo gushikira Imana, nayo yibuka isezerano yasezeraniye Aburahamu, Isaka na Yakobo, maze ihagurutsa Mose ngo abarongore abakure muri ico gihugu maze abajane mu gihugu ciza gitemba amata n’ubuki yabasezeraniye.(Kuvayo3:7-10)
 Mu rugendo ruja muri ico gihugu yabasezeraniye, Imana yagendana nabo, ikabiyereka mu bitangaza bikomeye. Farao amaze kubareka bakabona ukuboko gukomeye Uhoraho yabarongoje, akabaja imbere, akagaburamwo kubiri ikiyaga gitukura, Imana yaciye ibacisha mu bugaragwa imbere y’uko babona ico gihugu yabasezeraniye.
 Ico gihe co mu bugaragwa n’ukugira ngo Imana iducishe bugufi,itugerageze maze amaherezo iz’itugirire neza.
–  Imana yacishije bugufi abanyisirayeri yemera ko basonza iraheza ibagaburira Manu. Ivyo yabikoze kugira ngo bamenye ko umuntu atabeshwaho gusa n’ivyokurya ariko atungwa n’amajambo yose avuye mu kanwa k’Uhoraho. (Gusubira mu vyagezwe8: 3-5)
Muri ubwo butayu babuze amazi hagera aho bidogera Imana bakibaza bati ” Mbega Uhoraho ari muri twebwe canke ntari muri twebwe. Natwe runo rugendo turimwo haraho bishobora gushika aho wibaza uti mbega Imana irambona canke yaranyibagiwe.
 Turabona ko ubwoko bw’Imana bwaciye mu bikomeye ndetse biruta ibihari ubu, ariko abagumye ku Mana vy’ukuri bakagendera mu vyagezwe vyayo, ntibahindukire ngo bayite ,yabahaye gushika muri ico gihugu yari yabasezeraniye.
Ibishobora kutubera inzitizi muri urwo rugendo, canke igituma haba insatisfaction mu gakiza.
  Abanyamahanga b’ibivange bari muri bo bipfuza ivyo basize muri egiputa bituma abandi bidodombera Imana.
 Ukugendana n’abanyamahanga biituma:   uba mu gakiza ukumva isi iracakuryohera,
                Kutanezerererwa agakiza ukumva umengo ni corvé. N’ukuvuga ko hari ivy’abanyegiputa utaritandukanya navyo.( Guharura11: 4-7)
Kwidodombera Imana biva ku kutanyurwa n’ivyo Imana iduha. Imana yahaye abisirayeri ibibakwiye ariko batora ibirenze ( Kuvayo: 16:17-21)
  Ivyo ducamwo tubinezerererwe kugira ngo bidushikane kukuramurwa kukwizera kwacu.( 1Pierre1: 1-7)
 – Hari ubushobozi bw’Imana bukuzigama iyo wizeye Umwami Yesu kuko niwe Imana yaduhaye ngo atubere inzira, niwe kuri, niwe bugingo. Nta wushika kwa Data hamwe muri bwa buruhukiro atamujanye.
 – Hari ivyizigiro bizima ku muntu yamwizeye.
 Ni twagendera mu nzira y’ukwubaha Imana, tukagendera mu vyagezwe vyayo,dufise amasezerano: Yesaya 4: 8-16,

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s