Ubutumwa 15.06.2013
Umwami wacu Yesu Kristo yatuzaniye ubutumwa bwiza bw’ubwami bw’Imana aribwo butubeshaho.
Ijambo ry’Imana twahawe n’Umwami wacu Yesu Kristo niryo ritubeshaho, kuko turyizeye, tugahagarara muri ryo, tukagendera muri ryo, Imana nayo ibana natwe, niryo ridukiza gusa, rikadushitsa kuvyo twifuza vyose, nikibiruta tukazomubona. Luka 4: 38-44 Yesu Kristo yerekanye ububasha n’ubushobozi buri muriwe mukurangiza ibibazo vyose biri mu bantu, hababarimwo abadayimoni bakabavamwo, abagwaye bagakira, imbohe zikabohoka n’impumyi zigahumuka. Ivyo vyagenda bikoreka aho yaja hose, kugirango ababibona n’abazovyumva bakamwizera baronke gutabarigwa muri We. Luka 5:1-11 Umwami Yesu Kristo yaravuze ijambo ririzegwa, rikurikirana n’ibitangaza, abari babuze amafi ijoro ryose atana 1 baronse, Yesu Kristo ijambo ryavuye mu kanwa kiwe, niryo Petero yizeye, arakora baroba amafi yuzuye amato yose. Imana ishimwe kubwo guca bugufi kwiwe, yaciye yicisha bugufi, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe avuga ati va ahondi Mwami kuko nd’umunyavyaha. Kubwo kwihana no guca bugufi kwiwe, aca ahamagarigwa kuroba abantu kuko Imana yabonye umutima wiwe wihanye kandi uciye bugufi. Kuko Imana ikorana n’abaciye bugufi kandi bayumvira. Luka 4: 14-19 & 25-30 Umwami wacu Yesu kristo yababariye ukuri kuko arumunyakuri, kugirango bashobore gutahura biyegereze Imana, bace bugufi bagendere mu kuri, ababarira ingene Imana yatabaye umugore w’umushunemukazi ikamukiza inzara ariko mu b’Isirayeli ijuru rigakingwa, imvura igatara inyaka 3 n’amezi 6. Kandi nabari bafise imibembe bari benshi mu b’Isirayeli bakeneye guhumanugwa. Ariko Imana ikiza Namani Umusiriya. Icatumye ivyo vyose bwarubugarariji bwari muribo no kudaca bugufi kwabo, bishavuza Imana. Mwene data, kwubaha Uhoraho, ugakora ivyiza murugendo rwawe nawe ashitsa ivy’umutima wawe wifuza kandi akakuzigama muri vyose. Zaburi 37: 3-4 & 18-19. Mwene Data reka Ubutumwa bw’ubwami bw’Imana Umwami wacu Yesu Krito yatumenyesheje tubugenderemwo kugirango tubeho neza kandi Imana nayo ibane natwe muri vyooose. Amen