Message 08.06.2013
Kuba mu kuri tukagira ubwenge bwa Mpwemu Yera.
Umwami wacu Yesu Kristu yaje kutumenyesha ukuri, kandi ukwo kuri arikwo kuduha kwidegemvya. Tukabaho neza. Nico gituma Umwami Imana ashaka ko ukwo kuri tukumenya kandi tukakugenderamwo, dufise ukugororoka kuva ku Mana. Nikwo gutuma tugira ubwenge tukarongogwa na Mpwemu Yera. Turi mu kuri kw’ijambo ry’Imana, tuneshe wa mubi, yonona ubuzima bwacu kandi agatuma bamwe badatahura neza ijambo ry’Imana, bagakorera mu mubiri kandi bazi ko bari mu kuri. Ivyo bituma basa nabishiriyeho ukugororoka kwabo ubwabo, ariko atarukuva ku Mana. Nico gituma ubwenge buvuye ku Mana ari ngombwa mu buzima ru Kristo kuko budutuma kwumvira no gukora ivyo Kristo Yesu adushakako turi mu kuri. Yohana 17: 13-17.
Luka 10: 38-42. Imana irashaka ko tugira ubwenge tukamenya gukora ibikwiriye mugihe cavyo. Ntidukore nkabatazi iyo baja, tugure uburyo tubugwiza, kuko imisi ari mibi. Tugume kubirenge vy’Umwami wacu Yesu Kristo kugirango atwigishe, aduhe imfunguro idashira. Urukundo rw’Imana ruduhumura amaso, nico gituma Yesu ntiyihoreye Marita ariko aritwarira mwene nyina Mariya, ariko yaramubwiye ko Mariyawe yahisemwo neza kugumana nawe, amwumva ijambo ryiwe. Vyoba vyiza umu kristo wese asavye Imana ikaduha kumenya ukuri, nico dukwiye gukora mu buzina no gutangura, ntidute umwanya mu bidakwiriye. Luka 10:25-37. Ijambo ry’Imana ryerekanye abakozi b’Imana 2: umuherezi n’umulewi baciye kunzira harumuntu ashaka gupfa yakubiswe cane n’abambuzi ariko baramuravye barirenganira ntaco bamufasha ngo berekane urukundi n’imbabazi Umwami Imana idusaba kugira nk’abana bayo. Ariko haciye haza umusamaliya, aramufasha ndetse akoresha n’uburyo bwiwe, aritanga bikomeye kugirango uwo muntu akire. Rero Imana nimba twarayimenye irashaka ko dukora neza nk’abana bayo, tukaba mu kuri kugirango ihabwicubahiro, amashimwe abe ayayo. Kandi ntuduhushe ijuru kandi tuzi ngo dukunda Imana tudashobora kugirira neza abandi, muvyo bakenye. Luka 12:26 Kandi duhere kurivyo bito niho na binini Imana izobituzeza. Kandi ivy’Imana idutumye gukora tukabikora uko ishaka kugira ntitube kumuvumo. 1 Samuel 15: 20-23 Sauli yanse gukora ic’Imana igomba yamutumye, bituma ava kungoma, kuko ata kuri kwari muriwe. Kuko yumviye abantu kubarutisha Imana. Nabo kandi baharuye ivy,umubiri kandi nayo Imana itubuza kwiyumvira iyejo kuko umusi wejo uzoba wiganyira ivyawo. Matayo 6: 31-19. Nico gituma Imana idusaba kuyishira imbere muri vyose kugirango ukuri kwayo kutubemwo. Nayo yiteho ivyacu vyose. Abe ariyo dukunda n’umutima wacu wose nubwenge bwacu bwose n’inkomezi zacu zoose. Tugakunda bagenzi bacu nkuko twikunda. Bibaye bityo, tuzogira amahigwe muvyo dukora vyose, ndetse Imana izobana natwe, iheze yiteho nivyacu, Ndetse igihe cayo kigeze tuzoyibona. Amen