Gushikanira abana Imana.
Bene Data bakundwa muri Kristo Yesu, kuva Imana irema umuntu yamuremye mu Rukundo rwayo no mw’ishusho yayo. Imuha ivyagezwe n’amabwirizwa yayo kugirango babigenderemwo, bibatere kw’ubaha Imana kandi arivyo bizotuma babaho neza kandi bazorambe.
Ariko umuntu siko yabikoze, bituma acumura ku Mana Nzima, icaha cinjira mu bantu. Ariko Imana Yo ntiyabahevye naho bayigabitanijeko. Niho yahava yitoraniriza ubwoko bwayo mu gihe ca Abraham. Imibwira ngo nave munzu ya se no mumuryango wabo imwereke ahaja. Imuha amasezeranondetse akomezanya n’uruvyaro rwiwe. Yabana nabo ikagendana nabo mubihe vyose. Kandi ikama ibibarira izina ryayo. Kandivyo yavuze ikanabishitsa no kuruvyaro rwiwe. Ndetse ku musozi Horebu bose barabibonesha amaso igihe umuriro waka imbeya zigashika mw’ijuru kuruwo musozi bose bakagira ubwoba. Ndetse yari yakoreye n’ibitangaza bikomeye mu maso yabo aho yac’ikiyaga gitukura mwo 2. Ab’Isirayeli bakarengana. Niho Imana yabarira umusavyi wayo Mose iti nkoraniriza Ab’Isirayeli mbacurire amajambo , kugirango bige kunyubaha imisi yose bazomara mw’isi bavyigishe n’abana babo. Gusubira mu Vyagezwe 4: 7-10. Ikomeza inatubwira kuyikundisha umutima wacu wose, n’ubwenge bwacu bwose n’inkomezi zacu zose. Gusub. Vyagezwe 6: 1-7. Abavyeyi dushikanira abana bacu Imana kuko amasezerano arayacu n’abana bacu, n’abazodukomokako bose, nico gituma abana bacu tubashikanira Imana kugirango bategekwe n’Imana, bigishirizwe muriyo kandi ibamenye mu bwoko bwayo, barindigwe muri Yo. Mariko 10: 13-16. Yesu Kristo yahezagiye abana bato, yongera amenyesha ati reka abana bato baze ahari k’ukubwami bwo mw’ijuru arubwabameze bartyo. Luka 2: 21-28. Umwami wacu Yesu kristo yaratubereye akarorero aho baja kumushikanira Umwami Imana amaze imisi umunani.
Imana yacu n’Imana ikomeye cane, nta citwa imana kimeze nkayo. Mwene Data nezeregwa Imana yawe, ugendere muri Yo nta hanga na rimwe rifise Imana nkiyo dufise. Ibaba hafi nk’Umwami Imana yacu ingene ituba hafi iyo tuyambaje. Ibuka vyinshi cane yakurenganije nivyo yagukuyeko, bigukomereze mu rukundo rwayo no mucubahiro cayo. Niho izobona gushima kwawe ikagukorera n’ibirenze kandi umugwanizi ntazoronka ikibanza muri wewe, kubwo kuyubaha kwawe no kuyikunda bizogaragarira mu bikogwa vyawe. Kuko nivyo ugenda wigisha n’abagukomokako bikabatera kuyizera no kuyubaha kugirango birinde icaha kandi bagendane nayo muri vyose, arabera bagororoka, bakabaho neza. Wibuke rero mwene Data ko Imana itarobanura abantu ku butoni ariko uyubaha wese iramwemera. Amen