Ubutumwa bwa samedi, le 18.05.2013
Ukuza kwa Mpwemu Yera.
Urukundo rw’Imana rwayitumye iduha Umwana wayo w’ikinege, araza kudupfira. Araza atumenyesha Data. Umuvyeyi mwiza aturera mu rukundo, mu mahoro, mu bugwaneza , mu kuri no mu bugororotsi. Kandi atuzi intege nke zacu zose. Ni ku bwivyo Umwami wacu Yesu Kristo amaze kuzuka mu bapfuye, yasezeraniye intumwa n’abigishwa biwe kubarungikira Mpwemu Yera. Ariko arababwira ati ni mwankunda muzokwitondera ivyagezwe vyanje. Na We azasabe Data gwazabahe uwundi mwitsa ariwe Mpwemu Yera, ngwazabane natwe ibihe bidashira. Yohani 14: 15-21. Kandi akomeza kubabwira ati sinzobasiga nk’ipfuvyi nzoza kuri mwebwe. Umwami Imana yacu aradusaba ko twezwa, tugakizwa vykuri, ntitumuvange n’ibindi kuko adakorera mu mitima yifatanije n’ibigigwamana. 1 Ab’Ikorinto 6: 15-20. Atubwira kuwo Mpwemu Yera ariwe ariwe azoduha ubushobozi bw’ivyo dukora vyose, kandi ko azoba muri twebwe, kuko niwe azotuma tubona Imana. Ivyak. n’Intum. 1: 8-14 Ivyak.n’Intum.2: 1-4 Umwami Yesu amaze kubabwira ngo bagume i Yerusalemu, bakoraniye hamwe basenga, bumva igihinda kivuye mw’ijuru, gikwira hose munzu bicayemwo. Haboneka ibirimi vyigabanije nk’ivy’umuriro. Bija umwe umwe ku mutwe. Bose buzuzwa Mpwemu Yera batangura kuvuga izindi ndimi uko Mpwemu abahaye kuzivuga. Kuko bakoranye n’imitima ihuye kandi itanduye, nico gituma bahawe Mpwemu Yera. Nico gituma n’Ijambo ry’Imana bavuga ryagira ubushobozi kubaryumva kuko ari We yabakoresha. Rikwira hose gushitsa ku mpera zisi. Act. 10: 44-45. Ndetse Mpwemu Yera agafata n’abaryumva. Bakaronka ububasha, ubushobozi n’ubushizi bwamanga. Act.4: 29-31.
Uwo Mpwemu Yera twahawe niwe aduha ububasha, ubushobozi, inkomezi, akatwigisha kandi akatumenyesha Data muvy’ukuri. Kandi akatwemeza n’icaha. Aturongora mu kuri kuko akunda ivy’imibiri yacu yanka arivyo biroranye bizotuma tubona Imana. Amen.