Menyako Imana ivugana nawe, hagarara mu masezerano yawe wejejwe mu rukundo rwayo. 04.05.2013

Menyako Imana ivugana nawe, hagarara mu masezerano yawe wejejwe mu rukundo rwayo

Kukw’Imana yacu ar’umuvyeyi mwiza cane, igihe cose iratuvugisha, kandi irashaka ko tuyegera  ngo tuganire nkuko na Yo ituri hagufi kandi ikatugira inama. Kugira ni twamenya neza uriko aratuvugisha, tukemera inama yiwe, bituma nayo idushitsako ivyo yavuze nivyo yasezeranye tukabibonesha amaso yacu. Ndetse tukabikorako n’amaboko yacu.

Igihe Imana yakura ab’Isirayeli muri Egiputa, Umusavyi w’Imana Mose yagenda aravugana na yo murugendo gwose bagize, akayibaza nayo ikamwishura. Kuko ar’Imana ivuga ndetse ikanasigurira abayisiguza. Kuvayo 33:12-19, Kuvayo 34: 5-8. Mose yaganiriza Imana asenga ayibaza uwo ibatumanye, kandi yongera ayibwira ko iryo hanga ariryayo arongoye,Kandi ayibutsa ko yavuze kw’imuzi mw’izina naho Imana itibagigwa,  bituma Imana imugirira ubuntu iramwishura iti: «kubwanje nzokwijanira namwe mbashikane amahoro». Kandi Irongera irivuga mu mazina yayo n’imbabazi zayo, ningene ikora.  Mwene Data nawe ha umwanya Imana muganire nayo kuko nawe yarakumenye mw’izina, reka kugira urugendo wenyene, n’ubwengebwawe kumbure bw’umubiri canke uburyo butarubwo kw’ishimigwa n’ibindi. Kuko murivyo vyose hatarimwo Imana ntaho ushika hazima. Kandi nayo n’umuvyeyi mwiza aganiriza abana biwe, akabamenya integenke zacu nivyo twifuza vyose, nivyo dukenye , naho tuzeza mugutahura no kumenya bigatuma atwihishurira murukundo rwayo nkuko yagenda abigirira abasokuruza bacu, kuko ar’Imana idahinduka. Itangur. 18:11-15. Umumalayika w’Uhoraho yavuganye na Aburahamu kwazogaruka iwe Sara yavyaye umuhungu, Sara ariko arabumviririza inyuma y’umuryango, aratwengera  atemera ivy’Umumalayika avuze kuko yabona ingene bashaje cane, ariko Uhoraho aca abaza Aburahamu ati nikuki Sara atwenze, Sara aratinya, ati eka si ntwenzwe. Na Yo iravuga iti Mbega harikinanira Uhoraho, Umwaka ugeze ahuyu ugeze nzogaruka iwawe Sara yavyaye umuhungu. Kandi niko vyababereye. Mwene Data Ijambo ry’Imana riraguhanura ngo ntukekeranye na gato muvy’Imana ikubwira, ariko umenye neza ko  iyo usoma ijambo ryayo muri Bibiliya Yera, iravugana nawe, kandi iryo jambo urihagazeko mu vyukuri, ukaryizera nayo irarishitsa. Iyo usenga na Yo iragutega amatwi, ukayiha umwanya hamwe nivyo wayibwiye nayo ukayumva ico ikubwira, ntuvuge gusa ngo uce wigira gira umwanya nayo uyumve ico ikubwira nawe. Ntibe inzira imwe ariko ibe inzira y’imigenderanire n’Imana. Kuko yaragutoranije, irakuzi kandi izi n’umutima wawe, nico gituma itakwihendako kuko Yo ntiraba nkuko abana babantu turaba. 1Samuel 16:6-7. Nico gituma dukwiye kubaza Imana muri vyose, ntiturabishe amaso yacu gusa, ariko tubaze Imana kw’ivyo dukora biri mu bugombe bw’Imana. Imana idufiseko imigambi myiza cane, nico gituma igombako abantu bose bakizwa bagashika kumenya ivy’ukuri. Kuko arivyo vyemerwa munyonga z’Imana. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s