Ubutumwa bwo ku wa 20.04.2013
Gushimira Umwami wacu Yesu Kristo agakiza yaduhaye.
Umwami Imana yacu irashaka ko twibuka igituma turi mu gakiza! Mbega harico ushimira Umwami wacu Yesu Kristo aho yagukuye??Uribukako wari warapfuye none ko yakuzuye mu bapfuye???!!! Haleluya. Uratahura neza mumutima wawe ko hr’ubugingo bushashawahawe n’Umwami Yesu Kristo, kandi ko atabiguhaye kubera ubikwiriye. Ikindi ko atarubwo yapfuye gutoragura ariko ko yarishe ubuzima, amagara n’ubugingo bwiwe kugirango tubohoke, kandi dushobore kumushimira n’umutima wacu woose. Nturabe uburemere bw’ivyaha wakora ngo ibi ni bito canke ni binini, menya ko vyose vyarurupfu kuri wewe ndetse n’imbere y’Imana nzima. Nico gituma Umwami wacu Yesu Kristo yaje kudukiza urupfu n’igitutu cagwo. Yesaya 53: 1-12 Imana iradukangurira kw’ibuka gucungugwa kwacu tumenye abo turibo niyo tuja. Menya neza rero ic’Imana igushakako. Nugutahura ivyo kugirango wame uyishimira ibihe vyose kandi muri vyoose, wibukeko icaha kizana urupfu, umushimire ko yagukijije aciye ku musalaba mububabare bwinshi. Wirinde kumusubiza kuri wo, ndetse nawe nyene ngusubire mu rupfu kandi yarakubohoye. Amen. Tubeho murupfu gwiwe twiteze ubwiza bur’imbere.
Menyako ivyaha vyose vyishuriwe kukiguzi kimwe, kandiko icaha cose kijana mumuriro udahera, arigwo rupfu rwa 2. Yesu arashaka ko tubimenya neza ndetse tukabitahura cane dukoreshejwe na Mpwemu Yera kugirango ugucungugwa kwacu n’umusalaba wa Kristo Yesu tubiheshe icubahiro . Ntitwirengagize canke ngo twiyobagize, tureke Satani atwibe. Kuko kutabitahura neza nukutabibamwo bituma ugwa mumutego wawa mugwanizi. Kandi bigatuma amahoro yaduhaye kubw’intsinzi yiwe kumusalaba ataba yujujwe muri twebwe. Mwene Data nimba uzi nezako icaha cose kizokwicisha umuntu, nezereregwa agakiza kawe ukabungabunge neza. Abaroma 3: 23-26,Ni We mpongano y’abizera ayigizwe n’amaraso yiwe ku bw’ivyaha vyacu. Abaroma 5: 1-11, Urukondo Imana idukunda ruserugwa n’urupfu rwa Kristo yesu, nirwo rwatwujuje n’Imana, tumaze kwuzura nayo ubugingo bwiwe buzorushiriza kudukiza. Kandi Mpwemu Yera niwe yarusutse mu mitima yacu.
Yesaya 51:11-16, twebwe abacunguwen’Uhorahotuzokwamana umunezero udashira n’uguhimbarwa, kandumubabaro no gusuhuza umutima bizoduhunga bituje kure kuko yaravyishuye vyose. Niyo ifise ububasha n’ubushobozi kuri vyose, kandi niyo idushira ijambo ryayo mu kanwa kacu, ikongera ikadutwikiriza igitutu c’ukuboko kwayo ku mitwe yacu kuko turabana bayo. Amen. Ntuhagarike umutima rero mwene Data kukintu na kimwe kuko vyose uwo musaraba uhanze amaso niho vyishuriwe, niho hari gutabagwa kwawe. Amen