Guma mukibanza cawe Imana niyo kwizegwa.
Mwene Data kuva umaze gutoranywa, ukamenya Umwami wacu Yesu Kristo, haricakoretse hagati yawe n’Imana. Nuko hinjiyemwo amasezerano yawe n’Imana. N’ivyizigiro bidashira abisi badashobora kuronka. Haramasezerano Imana igufiseko, nayo nawe ufise ku Mana. Umusavyi w’Imana Dawidi yaravuze ngo mutima wanje uhwekerere ku Mana yonyene kukwariho ivyizigiro vyanje bikomoka. Igituma Imana itubwira ku guma mukibanza , nukw’abaguma muri Yo aribo bashikira ivyo yabasezeraniye.
Abaheburayo 5: 7-10.Umwami wacu Yesu Kristo yaratubereye akarore ro mukwihanganira ibigeragezo yahuye navyo, agasenga cane yinginga atakamba cane arira, yarumviwe kubwo kuyubaha kwiwe. Amaze guhingugwa gose abera abamwumvira boose inyanduruko yagakiza kadashira. Abaheburayo 6: 17-20 Imigabo y’Imana ntihinduka, nico gituma yasize hagati indahiro kuba umuhuza, kugirango 2 bidahinduka , ivyo Imana itabasha kubesheramwo biduheshe kurema cane.
Harigihe Imana yicecekera ukagirango yaguhevye, ariko amasezerano aba arimbere yawe, uyigumize k’umutima wawe wose, ukomeze urugendo uyashikire. Umwami wacu Yesu yarashitse mugihe atakamba avuga ati Data Data niki kikumpebesheje? Ariko ntiyamuhevye na gato, kuko icamuzanye mw’isi cararanguwe. Mat. 26: 36-39
Yosefu, igihe Imana yamutoranya mubo bavukana boose, yaciye mu bihe bitoroshe na gatoyi. Bene wabo baramwanse cane, baramutaye mu rwobo, baramudandaje muri Egiputa, yaragiye mu munyororo mugihugu c,abanyamahanga ata n’1 aziyo, ariko yarazi Imana nayo ikamumenya. Ntiyiyanduje na gato muvyo yaciyemwo vyose, ahubwo yahanga amaso Imana cane kuko yibuka amasezerano yiwe, ndetse aho hoose, haba kwa Potifari umugendanyi wa Farawo, haba mu munyororo, ikiganza ciza c’Imana camubako akagira igikundiro kubakuru kandi nivyo yakora vyose vyagira umugisha ukomeye. Kuko yaguma ku Mana yiwe. Imana iramuduza bikomeye imugira 1 Ministre kwa Farawo, mugihugu c’abanyamahanga, atigishijwe, ariko Imana yamutoye yaramwiyigishiriza, kuko yagumye mu kibanza ciwe, aguma ku Mana yiwe.
Rusi 4: 13-17. Urukundo Rusi yagiriye inabukwe, ava mu bwoko bw’abantu b’Imana. Agafata decision yo kutamuheba naho arumutamakazi, akemera kugendana nawe agenda aramufasha vyose, naho yahuye nibikomeye, kuko yabaye umwizigigwa, Imana yaramuhezagiye, imuha ico yari yarabuze (umugabo). Ndetse sivyo gusa acika inakuruza wa Dawidi. N.B: Menya neza ko ingorane ucamwo zidahindura amasezerano yawe, ahubwo zirayakomeza. Zab 25: 14-15 Iratubwira ko ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, azobereka isezerano ryiwe. Zab 89:34-35 Kandi ntizova kw’isezerano ryayo, kandi ntizokubesha. Hagarara rero mukibanza mwahuriyemwo n’Imana, ntukivemwo kandi ntucike intege ngo hagire ikigutsa ivutu ugatakaza amasezerano y’Imana yawe. Reka abakwitangiye imbere bakubere akarorero keza mukwubaha Imana yawe no kuguma muri yo, bagashikira ivyasezeramywe. Amen Amen.