Ubutumwa bwo ku wa 06.04.2013
Instinzi y’abana b’Imana iri muri Kristo Yesu.
Yesu Kristo amaze kuzuka yiyeretse intumwa ziwe kwari muzima, aganira nabo, asangira nabo, nkuko yabikora atarabambwa , arazituma ngo bagende mu bihugu vyooose babwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa, ariko utizera azotsindwa n’urubanza.
Mariko 16: 14—21 & Matayo 28:16-18. Intsinzi ya mbere n`ukwemera ubutumwa bwiza, ukemera ko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye ndetse ariyo nkuru nziza, umuntu akihana, akaronka uburenganzira bwo kwitwa umwana w’Imana. Ukwo kwizera Kristo Yesu nikwo kuduha intsinzi muri vyoooose. Nkuko mu Baroma 9: 33 Nguzokwizera Umwami Yesu ntazokogwa n’isoni. Yaje aribuye ritsitaza kubatizera, vyongeye agatanga ubugingo budashira kubizera. Aribo bana b’Imana.
1Yohani 3:1-3, nico gituma bidusaba kwama twiyeza, tukavavanura n’ibidusubiza inyuma canke bidukwegera mucaha, kugirango twamane ikiganza ciza c’Umwami wacu Yesu Kristo.1Yohani 2: 14-17. Niwe adutsindanishiriza icaha. Yesu yaje gutandukanya ab’isi n’abana b’Imana, kandi abana b’Imana turabaragwa b’ivyasezeranywe. Nugukomeza kwihangana muvyo dushobora gucamwo vyose kuko amasezerano nayacu, kandi intsinzi yose iri muri Kristo Yesu namba tubabazanywa na we. Abaroma 8: 17 & 33-34 Kuko twaratoranijwe n’Imana kandi Umwami wacu Yesu Kristo aradusengera ndetse akana tubera inyishu muri vyose, ntawushobora kudutsindisha kuko vyose abifiseko ububasha.
Guharura 23: 19-21 . Sico gusa Imana yarahezagiye abana bayo, ntawushobora kubavuma, Babikijwe ijambo ry’Imana, bararyizerakandi bakaribamwo. Umwami wacu Yesu Kristo nawe akagendana natwe aho tuja hose, no muvyo dukora vyooose. Amen.
Mwene Data murupfu n’izuka ry’Umwami wacu, ntacasigaye inyuma, vyoooose biri mumaboko yiwe, mwakire umugumeko, ntaco uzomuburana, azokwama akuneshereza muri vyooose, kuko nta n’umwe yamukurikiye akamwizera vy’ukuri ngwakogwe n’isoni. Muriwe har’amahoro, intsinzi, ubuzima , kubaho neza n’ubugingo budashira. Amen.