Mw’izuka ry’Umwami wacu Yesu Kristo habayeho gutsindanishirizwa kw’abizera.
Ku musalaba w’Umwami Yesu Kristo habayeho guharigwa ivyaha vyacu ndetse n’imitwaro yacu yose ituvako. Yamanukanye satani ikuzimu aramwugarana, amunyaga urupfunguruzo mukuzuka kwiwe adugana intsinzi ku bizeye booose, aribo bana b’Imana.
Matayo 28: 1-15. Mwene Data, ntusimbwe n’Umutima ku nkuru z`abangushi menya neza udakekeranya ko Yesu Kristo ari muzima, kandi yicaye i buryo bwa Data yuzuye ubwiza, n’ubushobozi kubari n’umubiri bose ndetse no kubiri mw’isi vyose. Umusi wa Pasika ya Yesu Kristo habayeho:
-Umusi w’intsinzi ku Bana b’Imana
– Umusi wo gukomeza amasezerano «azobitangira imbere kuja i Galilaya»
– Azokwiyerekera ahutamuziga (mat. 28: 9)
– Aguha kwidegemvya no gushira ubwoba
– Amahoro no kuba mu kuri.
– Niho twaronkeye Ubugingo budashira.
Pasika bisobanura ngo kurengana. Imana yabariye umusavyi wayo Mose ingene Abisirayeli bategura Pasika, mugukoresha impene canke intama zitagira agasebwa kandi zitarenza umwaka. Ngo kandi ayo maraso azosigwe ku bishima ryango vyinzu babamwo, ngo Imana niyo yaza kwica abana bimfura bo muri Egiputa, ibonye ayo maraso bahasize izobarengana bo ntaco izobagira. Kuvayo 12: 1-7 & 13-14 & 23-28. Kuko warumusi wo kwihumanura bakihana ivyaha vyabo vyose, kandi bagashikanira ibimazi Imana vy,ivyaha n’ivyamashimwe. Mbese nimba amaraso y’ibikoko Imana iyabonye ku bwoko bwayo yarabarengana, ikaba protegeant, mbega ntizorushiriza kuzigama abo izobonako amaraso y’Umwana wayo!!! Nico gituma Pasika yokwama mumutima wawe, kugirango wibuke ko twacungujwe amaraso y’igiciro kinini, ubeho utinya kandi ugavye, wibuke w amusi ukomeye kandi uhambaye, uteye ubwoba atawe uzokwihanganira atabonetseko amaraso y’umwana w’Imana. Malaki 4.