Bomora ikiraro ca Satani mu bugingo bwawe 23.03.2013

Ubutumwa bwo ku wa 23.03.2013

Bomora ikiraro ca Satani mu bugingo bwawe.

Mwene Data menya uwuriwe mu Mana. Umenye kwiyaturako ibihe vyiza mu bugingo bwawe. Menya kutarumugurano, arikur,umwana w’Imana. Galatiya  4: 4-7, Haritandukaniro ry’abana b’Imana n’abantu b’Imana.  Abana b’Imana hariyo baja kuko baja mw’ijuru, kandi tuganzwa n’Imana tugakoreshwa na Mpwemu Yera. Abandi bakaganzwa na wa mubi.  Nico gituma utegerezwa kumenya neza yuko satani atanezereregwa abana b’Imana na gato, ariko akora uko ashoboye mukubagwanya, ndetse azi n’integenke zabo, agaca aronka aho yinjirira mukubatera abasubiza inyuma canke ndetse akabakura no mugakiza Imana yabahaye, kandi agasumvya abana b’Imana courrage. Akagira ikiraro yuririrako mugutera abana b’Imana . Mat. 4: 1-3 Nico gituma ari vyiza kubomora ikiraro Satani yuririrako mu kugutera. Umwami wacu Yesu Kristo, umugwanizi yagomvye kwuririra kunzara yarafise kuko yaramaze imisi 40, yisonzesheje yarashonje cane. Ariko naho yarashonje, yarimwo inkomezi nyinshi zivuye ku Mana, ntiyamuronse na gato. Ariko abana b’Imana ikunda kubafatira mu: bibazo, ubwoba, kwumva ata securite ufise mu buzima,  nibindi. Satani agaca avyuririrako mugusenyura abantu mu gakiza. Sambura rero ico kintu ufisemwo integenke satani akoresha, umenye ko Yesu Kristo ariwe nkomezi zacu muri vyose. Kuko we yazanywe no gukiza, ariko satani yazanywe no kwiba, kwica nokurandura. Yohani 10:10

Ibintu 5 Satani akoresha :

1.-(Besoin zawe) Ivyifuzo vyawe washize imbere cane. Kuraho ivyo bintu vyafashe ikibanza kinini muri wewe, Yesu Kristo ukamuha ikindi kibanza. Ivyo arabikoresha cane mugutera aba kristo.

2.- Memoire yawe: Ubakira kuvyiza urindiriye, ureke guha ikibanza ibibi wagiye ucamwo, kuko nivyo bigusubiza inyuma.

3.- Consience, ugasanga umu kristo ntaba amahoro, ngo abumbwe nivyo afise n’ibindi

4.- Akoresha ibibazoumuntu afise: mubwire uti naho biruko ndafise Yesu Kristo azovyishura, ubeho witeze inyishu.

5. – Aho ufise faiblesse: satani yugurura aho bouton ya faiblesse yawe, iyo umutsinzemwo agafyonda iyindi.

Gira Umwete rero wokumenya ikiraro satani akoresha murivyo vyose kugirango ukibomore, umwami Yesu yanesheje, abe ariwe aganza mu bugingo bwawe, no mubikugize vyose ataco wisigarije.

Akomeza kugira imigambi mibi kuko atigera agira myiza mu gutera  ishengero ry’Imana, gutera abana baba Kristo, Gutera mariage za ba Kristo. Ariko ivyo vyoufise Kristo Yesu muzima muri wewe vyose biratsindwa kuko ata mugabane afise mu bana b’Imana. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s