Ijambo ry’Imana n’itara ritumurikira mu rugendo ruja mw’Ijuru.
Imana yavugishije abavugishwa nayokugirango itumenyeshe ukuri kandi ariko kuzotujana mw’ijuru. Kuko iyo twizeye ariy’Ukuri. Irashaka ko ukuri kwayo kutubamwo kugirango kuzotwinjize mw’ijuru. Mu bintu vyose no kumpande zose harivyo Imana itwigisha kugirango turonke ubugingo budashira. Hamwe rero no gukorera Imana, kuko tur’abana bayo kandi twahamagawe kuyikorera ngo tunezereze Data, ariwe ubugingo bwacu buzobana nawe. Nico gituma uyu musi ijambo ryayo rije kutwibutsa no kutwigisha Icagezwe cayo co kwubaka ingoro y’Uhoraho Umwami Imana. Ubwambere umuntu abanza gukunda ico gikogwa nkuko umusavyi w’Imana Dawidi yatubereye akarorero, agatangura kuvuga ko afise URUKUNDO akunze ingoro y’UHORAHO Imana yiwe. Atangura kuyitegurira n’ibintu vyigiciro kinini cane, amazahabu, amafeza, amabuye y’igiciro kinini cane ndetse n’ibindi vyishi.
1Ngoma 22: 19, Yongera atumira abantu biwe abigisha Urukundo bakwiriye kwerekana ko bakunze Imana n’imitima yabo yose, n’ubugingo bwabo bwose, bakabiserurisha mukwitanga bubaka ingoro y’Imana yabo. 1 Ngoma 29: 3-9 & 14-22. Abantu bose ba Dawidi barakiriye neza n’umutima ukunze ico gikogwa ciza kandi bakinezererewe, bashikana n’akanyamuneza kenshi cane, biraheza binezereza Dawidi, arabasengera ku Mana shima uwo mutima Imana yabahaye ayinginga ngwize ibakomerezemwo ben’uwo mutima wo gukunda Imana no kuyikorera. Badugana ibimazi vyo gukenguruka Imbere y’Imana yabo kuvy’ibakoreye bararya bongera baranywa barahimbaza Uhoraho kubw’umunezero. Gukorera Imana murubwo buryo bibugururira Imigisha myinshi cane.
Mugihe ca Hagayi, abantu b’Imana baribagiwe ingoro y’Imana. Imana irabahambarira cane kuko bitayeho ivyabo, bagakobereza amazu yabo gusa, ariko ingoro y’Uhoraho bayireka ar’umusaka. Hagayi 1:1-14, Imana ibaburira ibiriko biraba n’ibigiye kubashikako vyose kuko baretse Umwami Imana bakititaho bo ubwabo, kandi ivyo bafise vyooose ari Yo vyandurukako. Bituma bibazanira umuvumo no guhona, n’ubukene kandi bizigamwo ubutunzi. Imana yacu yuzuye ubuntu n’imbabazi, ikangura umutima wa Zerubaberi na Yosuwa barakira neza ic’Imana ibatumyeko ndetse n’abantu bose, barihana bahindukirira Imana kuko bumviye. Hagayi 2: 1-9 Imana irabaremesha, ibabwira ngo ntibatinye ariko bashireko bubake nayo izokwerekana ubushobozi bwayo n’ibikogwa vyoyo murico gikogwa.
1 Timote 6: 17-19, Ijambo ry’Imana riraduhanura ngo tureke kwishimira ubutunzi butarubwo kwishimira, ahubwo tunezereregwe gukora ibikogwa vyiza vy’Imana, dukore iciza tube abanyakuri bakunda gutanga, twibikire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza.
Ducakire ubugingo nyakuri. Aho imitima yacu izoja abe ariho ubutunzi bwacu tubushira. Mwene Data gukorera Imana ntabuhombe burimwo, igihe kiragera natwe ikatwibuka. Ariko ubu Kristo butagira ibikogwa vyiza nyakuri vy’Imana n’ukwizibirira Imigisha ndetse umuntu akazobura n’ijuru, kubwo kudadaza umutima kwiwe no kutumvira Imana.
Imigani 11: 23-25Niwakund’Imana yawe ukayikorera ivyo wifuza bizokuzanira ivyiza, ukutumvira kukabakwegera ubukene. Tanga uzohabwa nawe, ubaka ingoro y’Imana Uzokwibukwa.