Urukundo rw’Imana turuhabwa na Mpwemu Yera. 02.03.2013

Ubutumwa bwo ku wa 02.03.2013

Urukundo rw’Imana turuhabwa na Mpwemu Yera.

Twebwe ivyaremwe bisha muri Kristo Yesu, ikigira ikimazi imbere y’Imana yacu n’urukundo rukoreshwa no kwizera. Ushobora kuba wibaza ngo ndakijijwe gose, canke ndi mw’idini iri canke iri, ariko utagira urukundo rw’Imana rukorera mu kwizera vyose bikaba nta kimazi imbere y’Imana. Ab’i Galatiya 5: 5-6 &13-25. Kuko twacitse abana b’Imana kubwagakiza twahawe n’Umwami wacu Yesu Kristo, akaduha na Mpwemu Yera wo kuturongora murukundo rwiwe, ndetse no vyose, nico gituma ijambo ry’Imana ritubwira no guhindura ingeso zacu kugira tugire ingeso zo muri Kristo Yesu, n’urukundo dukunda bene Data rurongowe na Mpwemu Yera.

Iyo harugwa rukundo rukoreshwa no kwizera hari ibintu 3 biva kuri Mpwemu Yera bigukoreramwo: Kwizera kujana no kwatura, bikajana no kwitega nkabibamwo. Kwizera bifasha umuntu kubaho neza, kuko ivyo ubamwo mukwizera arivyo bizoseruka ukabibamwo neza. Esiteri 4: 11-14. Moridikayo yababajwe cane n’integuro yariko iraba yo guhonya ubwoko bwabo bw’abayuda, agira urukundo rwo muri Mpwemu ku bwoko bwabo, atuma ku mwamikazi Esiteri yatura kandi yizeye neza  ngo agende abavugire ku Mwami babareke, ngo natabikora naho abisirayeri ntibazoreka gutabagwa n’Imana yabo. Na Esiteri nawe yarafise ukwizera kwishi n’urukundo kuri bene Data, ashinga imisi yo kwisonzesha arenga icagezwe c’umwami, arenguka imbere yiwe kuko yari yizeye Imana yiwe kwimushirako ikiganza ciza akamwakira, kandi akamwumvira. Imana ibana nabo muri vyose kubw’urukundo bagize, irabakiza.

Guharura 13:30, Guharura 14: 1-12.Iyo ufise ukwizera ubona ivyo abandi batabona, Yosuwa na Kalebe bagiye gutata igihugu c’Ikanani bari 12, ariko 10 bagarukanye ubwoba bwabo bahasanze, ariko bo kuko bizeye Imana yahabasezeraniye, bakiriye igihugu ntibakiriye amata n’ubuki gusa, batura bizeyeko ata kabuza nimba bahimbaye Imana izokibashikanamwo. Bifatanya na Mose na Aroni gusenga no kwinginga basaba imbabazi Imana ngo ibababarire kuvyo abantu bariko batura nabi ngo igombe ibicire mu bugaragwa. Mwene Data ico batuye nico bimbuye, ariko abazeye bakakira kunesha, barinjiye Kanani.

Itang 45:7 Yosefu yatuye neza kuri bene se bafise ubwoba kuko bari bamukoreye ikibi cinshi, ariko we yarafise urukundo ruva ku Mana, ababarira neza arabaremesha kandi ivyo yabatuyeko bibashikako. Nawe mwene data Gira urukundo ruvuye ku Mana, rwa Mpwemu Yera rukoreshwa no kwizera niho uzohimbara Imana yawe ikaza ikabana nawe muri vyose, ukwo nikwo kwizera kutumenyesha ko n’ijuru tuzorijamwo, kuko uryizeye, ararigendera akarikorera ndetse akazoryinjiramwo. Ariko utaryizeye ntazoribona, kandi nivyo wizeye ukanavyatura ukabibamwo, uzobihabwa. Amen Ivyak n’Int 12: 5 & 12. Ba murukundo rw’Imana ufashe abandi mu kubasengera no kubingingira ku Mana, izobakiza kandi nawe iguhezagire. Amen.

 

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s