Ububasha n’ubushobozi buri muri Kristo Yesu 23.02.2013

Ubutumwa bwo ku wa 23.02.2013

        Ububasha n,ubushobozi buri muri Kristo Yesu.

Uhoraho Umwami Imana yahaye ububasha n’ubushobozi Umwami wacu Yesu Kristo bukorera muri we, no mw’izina ryiwe. Nico gituma umwizera wese atazokwigera atsindwa n’urubanza canke ngo amaramare kuko uwo yizeye yanesheje, ataho yigeze canke azokwigera aneshwa. Niwe ntsinzi yabamwizeye, ndetse abaha n’ubugingo budashira.

Luka 8: 24-25. Yarerekanye ububasha bwiwe n’ubushobozi muguhagarika inkumbi y’umuyaga mu kiyaga, arategeka amazi n’umuyaga bikamwumvira. Yongera kubuha abamwizeye bose, kugirango babe ibikoresho vyiwe bikorera mw’izina ryiwe ryera. Luka 10: 17-24. Izo ntumwa 70, zagiye zizeye vyukuri Umwami wacu Yesu Kristo zikoresha izina ryiwe, ndetse banezegwa cane ko n’abadayimoni nabo babumviye. Mwene Data nkunda, menya neza kandi wizere vyukuri ko muruwo ata dayimoni canke impwemu mbi zishobora kuguhagarara imbere umwizeye vyukuri, ariko nacane cane ugire kwezwa n’amaraso yiwe nkuko yabibwiye izo ntumwa, unezegwe nukw’ izina ryawe ryandikwe mu gitabo c,ubugingo.

 Ivyak. N’Intum. 19 : 11-17 Menya neza udakekeranya Umwami yesu n’ubushobozi bwiwe, kuko ubizi neza umwizeye abadayimoni baragutinya kuko baramuzi. Kandi utamufise vyukuri abadayimoni ni wewe bakubita nkuko bagize imisore ndwi yagiye gukoresha izina rya Yesu Paholo avuga riko bo batamwizeye.

Ivyakozwe n’int. 16: 16-18&25-33 Iyo umwizeye ntaco utinya kandi ugira amahoro muri vyose, kuko nomungorane zikomeye senga kandi umuhimbaze, unezereregwe ubwiza bwiwe n’izina ryiwe nawe aragusanga agukize.

Iryo zina rya Yesu Kristo ritanga inkomezi n’umunezero biva ku Mana.     

Ntutinya kandi ntusimbwa n’umutima mubintu vyagatera bwoba kuko haruwo wizeye kandi akomeye cane, ashobora vyose.

Rikiza abagwaye, rizura abapfuye, risenda abadayimoni bamoko yooose, ….., ikibiruta rikaduha ubugingo budashira. Luka 8: 46-55. Mwene Data muhe umutima wawe gusa ntumutangire mubugingo bwawe, saba Mpwemu Yera arakugendera amukumenyeshe kandi agushoboze kumwizera. Amen.

This entry was posted in Ubutumwa. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s