Luka 18:1-8 Yesu atwigisha gusenga no kwinginga Imana. Imana yacu ni Rukundo, ifise umutima wikigongwe, imbabazi zayo ni nyinshi. Yemeye gutanga umwana wikinege ngo aducungure, nibindi vyose dukeneye mu buzima bwa misi yose irabiduhera ubuntu.
Yesu adusaba kwizera Imana no mu bihe tubona ko bigoye, canke biryoshe, tugashikama mu gukunda Imana no gukora ivyagezwe vyayo kugira ngo umusi Yesu azaza kudutahana aze asange tukimwizeye.
Luka 7: 36-48 Luka 21:1-4, Yakobo 2:21-22
Mu kugororoka kwacu niho Imana ibonera ko tuyizeye, iyo dushitsa ivyagezwe vyabo, ivyo Ijambo ryayo ridusaba, tukizera yo gusa naho biba bitoroshe kubwo umubiri Ijambo ryayo ko ari Ukuri. Aburahamu yatanze Isak ku ntivyari vyoroshe ku bwiwe kuko yari yizeye Imana yamuhaye ko itabesha yaremeye arabikora. Uko kubikora ni co gikogwa cagaragaje ukwizera kwiwe. Maze Imana ibibonye irirahira iramuhezagira.