Kwizera Imana
Kwizera Imana niyo ntanguriro y`agakiza kubakiye ku Mwami Imana. Kuko iyo tuyizeye niho nayo yiyerekanira. Iyo umutima wawe uhagaze mukwizera Imana mu vyukuri, umubiri wawe utandukana n,icaha Mpwemu Yera akabana nawe Itanguriro 17:17-22. Aburahamu yizeye Imana n’umutima wiwe wose, ibimuharurako nko kugororoka, biruma imushikiriza amasezerano yiwe naho umubiri wiwe n’uwa Sara wiwe wari akaheze. Kandi ikomeza amasezerano yayo no kuri Isaka umwana wiwe, ntiyamwemereye kuyakomeza n’umwana ataciye mu kuri.
Iyo wizeye Imana ukagira ishaka n’umutima wawe wose mukuyirondera kandi uyizeye vyukuri, nayo ntireka kukwiyereka 2Abami 2:8-15, Elisa ntiyemeye kuvana na Eliya yumviseko Imana igiye kumutahana kuko ico yashaka ntiyari bwa gihabwe, bituma amuguma inyuma gushikaho aduzwa abana, imigabane ibiri y’impwemu ya Eliya yashaka ntiyari kuyironka iyo atizera kandi ngo agumane nawe mpaka igihe ciwe kigeze. None nawe mwene Data ntucike intege mumasengesho yawe, guma mukwizera kuko Umwami usaba ntawamwizeye ngo akogwe n’isoni. Shira umutima ku Mana yawe udakekeranya ngo ntibizoba, wirinde ibihumanya n’ibizira, uhunge kandi witandukanye nibiguca ivutu bikaguca intege. Ivyo vyose ubikore kuko harivyizigiro ku Mana yawe nayo iri hafi yawe irakugirira neza .
Abaroma 3: 21-31. Kuko ukugororoka kuva ku Mana kuzanwa no kwizera. Kuko Kristo Yesu yashiriweho kuba impongano yabizera ayigizwe n’amaraso yiwe. Nkuko yavuze atunyizera wese naho yoba yarapfuye azobaho, kand’uriho wese anyizeye, ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Amen Yohani 11: 25-26 &40. Mukundwa wa Yesu Kristo reka uburyo Imana imaze kukwiyerekeramwo ni bwinshi, bona ningene yagiye igirira neza ba sogokuru bayizeye nawe ushikame, ukomere mukwizera Umwami wacu Yesu Kristo kuko niwe atsindanishiriza abamwizeye booose. Kandi ukwizera nta na rimwe gutsindwa. Amen