Guca bugufi imbere y’Imana no kuyubaha Message 02.02.2013

Guca bugufi imbere y’Imana no kuyubaha

Imbere y’Imana nta na kimwe kiza kirusha ububasha n’ubwiza nko guca bugufi imbere yayo no kuyubaha. Tugakora ivyo ishaka tukagenda uko ishaka tubishobojwe nayo, kuko nivyo vyerekana ko turi abana b’Imana nyakuri, kandi nayo ikatwishimira. Iraza ikabana natwe ndetse ikaduha ivyo dukeneye ndetse nivyo tudashobora gutahura.

Ivyak.n’Intum. 10:34-41 Uhoraho Umwami Imana ntirobanura abantu ku butoni, ariko uyubaha wese iramwemera. Umusavyi w’Imana nzima Koruneliyo yakunda Imana nzima bikomeye kandi akayisenga ndetse akanayikorera, naho yarumunyedini, Imana yarumvise gusenga kwiwe irabona n’ibikogwa vyiwe, ntiyamwirengagije kuko yabona umutima wiwe ko koko ushaka Imana cane. Niho yamugendera ndetse Ikanagendera n’umuvugisha n’Imana Petero kugirango agende afashe Koruneliyo n’abiwe bashobore gutahura ivy’Umwami wacu Yesu Kristo mbere n’icamuzanye mw’isi. (ivyak. N’Intum. 10: 1-33) Ababwira ingene Yesu Kristo Imana yamusutseko Mpwemu wayo, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo boose wa mugwanizi yatwaza amanyama.

Abamwizeye bose bagaca bugufi imbere yiwe arabemera, Daniel 10: 12, Ntakindi catumye Imana imwumva ataruko yashize umutima kugutahura no kwicisha bugufi imbere yayo hanyuma agasenga ayubashe, nayo ntiyamwirengagije.  Nico gituma muri Yesaya 57: 1-2& 15-21itubwira ngo umugororotsi ntazokwigera yibagiranwa Imana izokwama imukura mu vyago, kuko Imana ibana n’abafise imitima iciye bugufi kandi imenetse kugirango iyihembure.

Abaroma 12: 9-21 Irakomeza kutwigisha ingene umu kristo akwiye kumera, urukundo imbere ya vyose nigwo rwerekana umu kristo nyakuri, nigwo gwerekana guca bugufi no kwubaha Imana, kuko tutaba tukigenda ukw’umubiri ushaka. Iyo turi murukundo nyakuri, ikibi ntikiba kikitunesha ariko tukineshesha iciza. Kuko nawe icamuzanye ari urukundo yakunze abari mw’isi. Tugendeye mw’ijambo ryayo tukayubaha vyukuri, tugaca bugufi kandi tukagenda tuyumvira muvyivuga mw’ijambo ryayo, amasezerano yayo atugumako ndetse  amahoro n’umuneze muri vyose bikabana natwe. Amen.

This entry was posted in Ubutumwa. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s