Umusaraba wa Yesu Kristo waje kutubohora
Abantu bagendana ivyaha kubwo kutumvira Imana no kudaca bugufi ngo barongogwe n’Imana nzima. Ndetse bariko n’umuvumo kubwabavyeyi babo naba sokuruza babo basenga ibigigwamana ntibakurikire Imana rurema. Bituma babaho uko batobayeho kuko hari impwemu zabakoreramwo zitavuye k’Uhoraho umuremyi w’ijuru n’isi, ariwe muremyi wacu.
Ariko kubw’urukundo yadukunze bituma ituma Umwana wayo Yesu Kristo ngwaze kudukurako umuvumo watugiyeko kubwabasokuru bacu batumviye Imana ndetse bo n’uwivyaha vyacu twakoze. Ng’umwizera wese ntazapfe rubi, ariko aronk’ubugingo budashira, kandashikire amasezerano yiwe be n’abana biwe.Ivyakoz. n’intum. 2:34-40.
Daniyeli yasenze Imana yinginga kubwivyaha vyiwe nivy’ubwoko bwabo n’abasokuruza babo bose, asenga yinginga kandaciye bugufi yizeye Imana, Iraheza yumva gusenga kwiwe imutumako Umumalayika wayo, Imana ibakurako ibihano. Daniyeli 9: 1-16, Daniyeli 10: 10-12. Ndetse no mw’ijambo ry’Imana muri 1 Yohani: 1:5-10 na 1 Yohani 2: 1-6 haradutumirira cane kwihana bivuye ku mutima tuzinutswe icaha kuko ntakindi camuzanye, atarukudukiza ivyaha vyacu. Ngo tugendere mu kuri, turi abanyakuri kandi tugororoka. Ngo tube mu muco utegegwa ariwo uzodushikana mw’ijuru igihe ata caha tuzoba duharugwako. Daniyeli 6: 21-23.
Mwene Data Imana iradushaka ko twiyambura icaha gikunda kutwizingirako, ingeso twanduriye muriyi si mbi n’impwemu zitwirukako zigatuma duta inzira y’ukuri. Ntakindi cazanye Umwami wacu Yesu Kristo atari ukudukiza. Ntuhushe ubuntu twagiriwe, egera ata bwoba aragutabara. Adukureko ibitwagiriza vyoose bibi, tubonekeko amaraso yi we imbere y’Uhoraho Umwami Imana. Amen.