Imbabazi z’Imana ziri kubayubaha. 19.01.2013

Imbabazi z’Imana ziri kubayubaha.

Umwami wacu Yesu Kristo yaje kudukurako umuzigo w’ivyaha vyacu n’ umuvumo. Icaha cose iyo kitaraharigwa ngo kizimangane imbere y’Imana no  kuri twe, kiduharugwako nk’ubugarariji. Nico catumye Umwami wacu Yesu Kristo aza kudukiza, ntiyinjiye ahera cane yitwaje amaraso y’impene n’intama n’inka z’iriza. Ntiyaciye muri rya hema ryakogwa n’amaboko y’abantu, ariko yakoresheje ayiwe maraso, yinjiye mw’ijuruubwaho ngo aduserukire imbere y’inyonga z’Imana. Abaheburayo 10: 1-18.

Amaraso ya Kristo atwuhagiye ivyaha, ntibisubira kwibukwa imbere y’Imana iyo twihanye vyukuri kandi twizeye. Ndetse n’umuvumo wose udukugwako, iyo dutakambiye Imana mubintu bitandukanye abavyeyi bacu na ba sokuru bacu bagendeyemwo mugusenga ibigirwa mana no mukwunamira imana z’inyamahanga. Vyose ayo maraso y’Umucunguzi abifiseko ububasha vyo kutubohora. Tukagendera mu kwera no mu kugororoka , turabidegemvya muri Kristo Yesu ku bw’amaraso yiwe. Kandi iy’Imana iduhariye tukozwa n’amaraso ya Kristo ijambo ry’Imana rigira ikibanza mu mutima wacu no mu bwenge bwacu.

Kubw’imbabazi zayo iragomba ko tugendera muriyo kubw’ijambo ryayo, kandi tugahindukira tugakora ivyigomba. Yona 3: 10 Natwe ikaduha ic’umutima wacu wifuza. Tukabaho dutinya icaha naho twoca mu bikomeye ariko tukizera ububasha bwayo n’ubushobozi bwayo.  Abaheb. 10: 32-39.

Mwene Data, emera kwihana, Imana yacu yuzuye ubuntu n’imbabazi kandi urukundo rwayo ruri kubana bayo bihana vyukuri bakayubaha. Ibaha kubaho neza ndetse bakazonayibona wa musi izoza gutahurukana abayo. Ugendana amahoro ava ku Mana ndetse ikabana natwe muri vyooose. Amen.

This entry was posted in Ubutumwa. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s