Uyu musi yatugiriye ubuntu ubugira kandi.
Message ya 15.12.2012
Hari ikindi kintu gisha Imana igiye kugukorera, tegura umutima wawe kuja kurundi rugezo kuk’ubuntu bw’Imana buri kuri wewe. Luka 1 : 26-31. Igihe Umumalayika w’Imana yiyeretse inkumi Mariya imubwirako igiriwe ubuntu n’Imana, Umwami Mana ari kumwe nawe. Yaguye igihumura ahagarika umutima cane. Ariko umumalayika aramubwira ati ntaco utinya Mariya kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. Uyo mwigeme yaratunganiye Imana. Yakorera Imana ayubashe kandi mu bugororotsi, niho Imana yamwiyerekeye ubuntu bwayo bumubako.
Abacamanza 6:11-17 & 25-27. Naho nyene Umumalayika w’Imana yagendeye Gidiyoni ah oasekura ingano kandi yinginga Imana kubwo gutabagwa kwaba ny’Isirayeli. Ariko kubwuwo mutima ukunda Imana n’ubwoko bw’Imana. Imana yamugiriye ubuntu iramuhamagara ngo abe ariwe icishako ugutabagwa kw’Abanyisirayeli. Ariko ikintu ca mbere Imana yamubwiye nugukuraho ibigigwa mana biri munzu kwa se, akureho igicaniro ca bayali, yubake igicaniro c’Uhoraho. Kugirango ntazagire kubangikanya Imana Rurema nibigigwamana. Imana ibane nawe muri vyooose. Ukw’Imana yamutegetse niko yakoze, araheza ubuntu bw’Imana bumubako. Imana itabara ubwoko bwayo.
Nawe mwene Data haric’Imana ikubwira uyu musi, ngo ubuntu bwayo buri kumwe nawe. Ariko gira guca bugufi, witandukanye nivyo vyose bigusamaza, ivyo vyose umubiri wawe ukunda binyuranye nivy’Imana ishaka, ndetse n’abagenzi (incuti) batuma ucumura ku Mana, mutuntu nutwo wibazako ari dutoduto kuko imbere y’Imana ntacaha cemewe, ari gito ari kinini. Ariko mw’isi yose abayubaha bagakora ivyukugororoka irabemera.
Ubuntu bwayo bugenda ku bantu bayo ibihe vyose. Mpwemu w’Imana aragomba kugukuza no gukuza ishengero ryiwe, ariko ba disponible, ugire ishaka ryo kwakira ubwo buntu bwayo. Abanyef. 4:7-15. Ningabire yagereye umuntu wese nazo uzakire kugirangukorere Imana nzima. Imigisha, imihezagiro, amavuta n’ibindi vyose bituruka ku Mwami Mana, ngo ibigabire abo ikunda. Amen. Amen.