Kwubakira kw’ijambo ry’Imana niko kubaho
Ijambo ry’Imana ni bwo buzima bw’umu kristo wukuri. Iyo tugendeye muri ryo kandi tukarishitsa, Imana iraza ikabana natwe, tugatahura ukuri ku bwa Mpwemu wayo YeIra. Ico gihe tubaho neza kandi tukazogira iherezo ryiza.
Gusubira mu vyagezwe 6: 4-7 & 16-18 & 24-25. Uhoraho Umwami Imana irashaka ko tuyikundisha imitima yacu yose, tukayishirako umutima ndetse muri vyose, n’ubwenge bwacu bwose n’ubugingo bwacu bwose. Niho nayo iza ikihesha icubahiro muritwebwe. Ikabana natwe mungo zacu, mubana bacu, ndetse aho turi hose tukagira ikiganza ciza c’Imana. Kandi iyo dukoze ivy’Uhoraho abona kwari vyiza tubaho neza tukameregwa neza. Tukama mu mahigwe, akatuzigama muri vyooose.
Mariko 12: 24-34. Yesu arashaka ko tumenya ukuri kwiwe, tukiri bazima kugirango tugendere munzira ziwe, kuko Imana atariyabapfuye ariko niyabakiriho. Kugendera mukuri kw’Ijambo ry’Imana nikwo kwegereza ubwami bw’Imana. Mwene Data ijambo ry’Imana nturigire akamenyero, ahubwo